Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 

Umukuru ni nde ?      Le 24 novembre 07

Abaciye ku ntebe y’ishure, mu mwaka wa kabiri w’amashure matomato, muribuka icese, aho ibihimba vy’umubiri vyaharira vyibaza umukuru muri vyo. Amaso, umunwa, amatwi, amaboko, amaguru, … ntakitashoboye kwemeza ibindi ko kitabonetse atakoshoboka.

Yamara uwari kuvyishura ni umuntu we nyene ivyo bihimba kuko azi neza ko kimwe muri vyo kirwaye ataryama, nawe ico cese nticamuhaye ijambo, kuko iyo
avuga wari wa munwa wari kubishikiriza.

Agahitiye rero mu gihugu kibutsa mwese ibara ririko rirarwa aho bose bashaka kuba abakuru, Igihugu kitaribuvuge kuko co kibakeneye bose, kandi umwe wese abuzeco kirarira.

« Ubwiriza uwurya ngo uransaba », amajambo menshi yashikirijwe mu ntango z’uno mwaka w’2007, na cane cane mu mugambwe watsinze amatora yo mu bi 2005, yarerekana neza ko ibice vyawo biriko bihiganira ubukuru. Harabuze n’umwe yohaguruka ngo ashikirize icoba kitagenda neza. Abashikiranganji indwi bagize ico babaza, muribuka ko Umukuru w’Igihugu yanse kubakira, mbere bamwe akanabibaziza.

Kuri bamwe, muri ico gihe, ingingo zafashwe zerekana amaraso mashasha, itunganywa rishasha ry’ibikorwa, ukwikura akagaye. Ku bandi kwari ugusambura Umugambwe, kuko ubukuru bwaronderwa bwararutwa, na canecane ni bwaba bw’arubwikibanza, kuko sico cari ikibanza nyaco kurusha ic’Umukuru w’Igihugu, canke ibindi tuzi, ikimenyamenya, n’uko uwo bagihaye n’abo bafadikanije,
banse kuva mu Nama Nshingamateka nk’uko bari bavyiyemereje mwikoraniro bafatiyemwo izo ngingo.

Abari i Ngozi kw’igenekerezo ntavuze, muribuka ko Umukuru w’igihugu yamenyesheje ivyiza ntangere vyakozwe imbere y’iyo tariki n’uwari arongoye uwo Mugambwe. Vyerekana ko intumbero yiwe atari ugukora ibirusha, yamara ukuba UMUKURU nyawe. Ivyo rero vyari gushoboka iyo Ubukuru butaba mu Mutima wa muntu bukaba mu kibanza arimwo.

Aho tugeze rero, baba abavuga ko hakwiye itunganywa rishasha, baba abavuga ko umugambwe usambuwe, bose bokwibaza uwavuga ukuri. Umurundi wese yibuka CNDD-FDD mu misi ihitiye, niwe yotanga inyishu ; abamenyesha
makuru batari bake banditse vyinshi mu mezi aheze, ntawarinze kubabeshuza, murasoma inyandiko zabo muri kino gihe, nibo nyene bihinyuza bagereranije iki gihe turimwo n’igihitiye. Impari zihitiye hagati y’Umukuru w’Igihugu, uw’Inama Nkenguza Mateka, uw’Umugambwe, Abasirikare bamwe bamwe, … zirerekana intambwe tugezeko dusubira inyuma ; yamara ngirango hariho abo binezereza kuko abagiye ku ma radiyo bamenyesha ko amasinyatire yakwiye, uwundi ngo nibazinduke baja i Ngozi ngo niho hari urukiza, nibaza ko uno musi bishimiye ivyo tugezemwo. Ngo wirukana umugore asura ukazana uw…, ikizwi n’uko atawudahema. Hari abipfuje gusubiza umwanya inyuma ngo bisubireko ku ngingo bafashe ariko bitagikunda

Ikibwirwa n’icumva, umunyagihugu nyen’umugambwe, niwe araba akinumira. Abakwiragiye igihugu basinyisha abagiye i Ngozi ntibakibubahuka ngo bagire ico
bababarira, abaciye akenge kabi ubu bihutira kwiba ngo barabe iyo bokwinyegeza, kuko abenshi barabona ko ivyakozwe bisa n’ibikurikirana imitima yabo.

Umukuru rero s’uwuvyihaye, yamara uw’Imana ibihaye, kuko ngo « ahavuye umugabo ntihabe umugayo, ngo ntawuba yari ahari ». Harageze ko twikubita agashi tukareka kuremeka inkono zishushe abandi. « Ururimi rwumwe rukamwa ifyufyu », ubutungane burahagabira.

 

Burundi Transparence

 

 

horizontal bar

 

Burundi Transparence © 2007