Burundi Transparence, c'est l'actualité en continue.
Accueil                     Précedente                     Suivante                 Archives

 

 

 Actualités

Igikorane c'umugambwe UPD-Zigamibanga igisate co m'Ubwongereza
 kuwa 27 Nzero 2010

Igisate co m'Ubwongereza



IGIKORANE C'UMUGAMBWE W'URUNANI RW'AMAHORO N'ITERAMBERE "UPD-ZIGAMIBANGA" (Igisate co m'Ubwongereza)

Igisate co mu gihugu c'Ubwongereza c'Umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA kiri n'iteka ryo gutumira abanywanyi bawo (Abazigamibanga) bose baba m'Ubwongereza, abandi barundi, abagenzi, n'incuti z'abarundi mu gikorane kizobera muri COVENTRY kw'igenekerezo rya 7/2/2010 kuva ku gihe c'isaha y'icenda.

Ibizovugwa kuri uyo munsi:
1. Kwerekana no kumenyesha abaserukira Umugambwe-Igisate co m'Ubwongereza
2. Kwigisha (kumenyesha) Umugambwe UPD Zigamibanga
3. Kumenyesha ibikorwa vy'umugambwe n'intambwe ugezeko
4. Utundi n'utundi

Aho kizobera: Hillmorton Road, woodend, Coventry CV2 1SG

Kuri abo bose bipfuza kazoza k'igihugu catwibarutse, azoba ari n'akaryo ko kuganira bimwe bimwe mu bituraje ishinga, na vyo akaba ari Amahoro, Iterambere, Ubutungane, Intwaro rusangi, n'ibindi..
Turahaye ikaze ivyiyumviro vyoterera mu kuzana ivyo bintu bituraje ishinga mu gihugu cacu.

Ufise ico ubaza: Innocent NDIKUMANA (07551574025)
                            Isaac MURISHO (07940493474)
                            updsectionuk@yahoo.com


Igifaransa
Icongereza