Actualités
Funérailles de Ntare Ndizeye : Une réaction d’un de nos lecteurs (en Kirundi)
Le 27 juin 09
Nagira nandike mukirundi kubera vyorohe gose kwisigura burya ikirimi nikintu kitoroshe kandi ntitugifata kimwe.
Maze imisi nsoma mubinyamakuru bitandukanye nkakarorero burunditransparence.org, tutsi.org be iwacu-burundi.org. Hamaze imisi handikwako gusa kuvyerekeye umwami wanyuma yishwe eka nuwundi yaphiriye inyuma yigihugu.
Niko birababaje kubona uwitwa umwami yicwa bunyamaswa cangwa kubona uwitwa umwami ahambigwa hanze yigihugu ciwe citwa ko gifise kahise. Mugabo ico nshaka gushimikirako niki, nikuberiki iyo bariko bavuga igandagugwa ry´umwami wanyuma batigera basubira inyuma gato ngo bige igituma haje ugo gwanko bakagandagura umwami eka nuwundi agahunga akemera guphira hanze eka akanasaba ko bomushingurira hanze nyene ?
Muri kahise burya harabaye ibintu vyinshi naho twama tuvyirengagiza.
Nka jewe mva mumuryango waba Hima twari dukomerewe gose mubihe vyabami, muburyo tutashobora kurenguka ibwami, bama batwigizayo eka bagatako bakanatuhonyora. Muti vyagenze gute?
Umwami agira yimike barafata umuhungu mwiza ava mumuryango waba Hima bakamuryamika ahantu inka nyinshi zitagira uko zingana zihava zica, aho rero niho babona neza ko umwami agiye kungoma.
Ubwo mubonye nkibi ntimubona ko ariho havuye ugwanko naho muri kahise atamusi numwe babishiramwo ukamenga ico gihe kwica vyari ibintu bito.
Nsinanditse ibi kugira mbe akadashobotse cangwa kwiyamiriza ivyo vyanditswe jewe nanditse ibi kugira ntihasubire kujamwo ibintu vyama émotion ukamenga bamuhoye ubusa.
Ninkaba bari kuntwaro ubu none nkubu mumyaka iri imbere bavuze ngo umukuru wigihugu bamuhitanye , hazohava hajamwo des émotions? Nimunyishure namwe.
Murakoze. Ndabifurije umunsi mwiza nakazi keza, namahoro mubiwanyu.
Par Rukemangingo Yvan
|
|
|