Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 

Ibiro vy’inama nshingamateka birashobora guhinduka
Le 18 avril ‘07

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17/ndamukiza/2007 abarundi n’ amakungu bari biteze ikurwa ry’ icegera kimwe c’ umukuru w’inama nshingamateka kigasubirizwa n’uwotorwa hisunzwe igitsinagore kugira ngo ivyo biro bishobore gukora hakurikijwe amategeko.
Ariko rero ico gikorwa nticashoboye kuranguka kunsiguro zashikirijwe n’ umukuru arongoye urwo rwego, izo nazo zikaba zitanejereje abashingamateka batari bake nkuko inkuru zo kwizera zibivuga ; ico gikorwa kikaba caciye cunguruzwa kuri uyu wa gatanu w’iy’indwi. Mwomenya ko muri ivyo bituma hoba ari uko icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka atariho yari ari .Umushingamateka Ntavyohanyuma akaba yashimangiye amenyesha yuko bitoba vyiza mugihe hofatwa ingingo nkiyo kandi uwosubirirwa atariho ari.
Amakuru dukura mubegereye umukuru w’inama nshingamateka amenyesha ko ico gikorwa kitabaye kubera uwuvurwa ko yosubirizwa, Nyandwi onesime, atariho yari ari ariko ko hoba hariho izindi mvo.Ayo makuru abandanya atumenyesha ko ingendo Umushingamateka Nduwimana agira mu ntara ya kirundo ari ugushaka kujuragiza urwo rwego nkuko yabikoze mubihe biheze kugira ngo ashobore kuguma muri ico kibanza naho atamwizero munini yoba agifise .
Ako kajagari muri urwo rwego kakaba ari inkurikizi mbi y’ikoraniro kaminuza ritisunze amategeko ry’umugambwecndd-fdd ryabereye i Ngozi ryatumye ubutegetsi bwitorewe n’abanyagihugu bujuragizwa .
Tubibutse ko uwahoze ari umukuru w’inama nshingamateka Umushingamateka Nahayo Imakurata yakuwe bidaciye mumategeko mubikorwa vy’ inama nshingamateka vyari birongowe na Onezime Nduwimana mugihe Nahayo Imakurata yari murugendo hanze y’ igihugu; mu kirundi ngo karahara muruganda ntibacura,ibiro vy’inama nshingamateka vyaciye vyiharizwa n’ igitsinagabo,ivyo navyo bikaba bitemerwa n’amategeko.Noneho bikaba bigira bihitane uwuvurwa ko yasasiye indava ukutisunga amategeko murwego ruyashinga akuwe ko iminwe n’abamufashije gukura bidaciye mumategeko uwamukurira(Frodebu,Uprona,Mrc na Cndd) mugihe atashoboye kubaronsa ivyo yabemereye y’ itwaje umukuru w’ igihugu mubijanye n’ibibanza muri leta no muzindi nzego z’i gihugu naho vyiyamirijwe n’umukuru w’igihugu abicishije k’umuvugizi wiwe.

Burundi Transparence



 

 

 

horizontal bar
 

Burundi Transparence © 2007