Actualités
Ijambo Nkurunziza yashikirije abanywanyi biwe
Le 25 janvier 10
|
|
Le Président Nkurunziza |
Tugire Cndd- Fdd n'intsinzi!
Bagumyabanga dusangiye urugamba, ndabahaye amahoro y'IMANA murazi ko dutanguye vuba ibihe bikomeye, ndabifurije noheli nziza n'umwaka mushasha w'ibihumbi bibiri na cumi, uze utubere umwaka w'intsinzi igira kabiri yo kurongora iki gihugu IMANA yaturaze.
Ariko rero benshi muri twebwe barataye ibanga birukira inda baribagira inzira twaciyemwo kugira dushikire aha turi, abandi nabo muri twebwe baguma batwihishamwo n'intererano igatangwa habiri canke hatatu abo n'abatazi akarangamutima kumugambwe wacu kandi bawinjiyemwo batawuzi. Ariko rero, Mushikiranganji, Muyobozi, Bakuru bibisata bitandukanye, mumenye ko abo bantu tubazi kandi twamaze kubashira kurutonde. Uwumva ko afise ako gatima, canke yagatanguye n'iyigire amahoro areke kudusamaza. Ico nobamenyesha co muri Bibiriya Yera "Yohani batisita yavuga ngo tegura inzira y'umukama asemerera mu gahinga asaba abantu ngo bihane ngo bahinduke aho hose kwari kugira ngo ntibaze bicuze ngo bavuge ngo ntavyo twari tuzi".
Uno musi murabimenyeshejwe ukuri kwamye nagomba kubamenyesha ko kiretse ko muri Afrika ataho vyigeze biba; nta kiringo kimwe muvyumve muvyanka muvyemera umugambwe wacu Cndd-Fdd wotwara gusa, turazi ko dutegerezwa gutsinda, ababasamaza mubihoze kandi mu menye ko amayira yose mwaciyemwo kugira mube muri aho muri uno musi azohinduka bidasanzwe mu buryo na mwenewanyu yadusigayemwo ataco muzomuronkana mwarahemutse, abitwaza ibiturire bobo bizoba vyasezeranye n'iki kiringo. Aho rero nahanyu ikibarirwa n'icumva.
Mubuserukizi bukuru bw'inararibonye tugomba gufata ingingo zihutirwa kandi zitegerezwa gushirwa mu ngiro, bitaye ho hakaba n'ibihano. Ntihagire abavyitiranya n'inzego zo mu mugambwe aho hirya no hino habaye amakosa ariko mukabona tuvyihoza, mu Rutana , i Bujumbura-mairie aho umukuru w'umugambwe yagirijwe amakosa adasanzwe, n'abandi....abo hariho impamvu zo kutagumura abanyagihugu.
Nta kwezi dusigaje ngo dutangure imyiyamamazo, subira mwirabe neza, aho muherereye abagumyabanga bifashe gute? Mbe abo mu ma minisiteri, mu bayobozi b'amashirahamwe, ntimuryoherwa muguma mwitemberera mu ndege? Hariho abagumyabanga mushobora kujana hama akaronka n'uwo mugate umwe azohereza ikibondo akavuga ati ndawuhawe n'umugambwe, canke akaronka ayo aterera umugambwe ? Mbe mwibaza ko izo ntererano zanyu ko zimaze iki? Ko wewe aho uri ufise ijwi rimwe ritarenga, gabanya mu bagumyabanga 50 utwara mwishirahamwe utwara mu bushikiranganji . Mbe mubona babatwengera canke babaramutsa mwibaza ko atari icubahiro gusa ko mubatwara ariko babavuga ko mwishinga kwirira ibiturire, amahera ya mission, no kubatoteza?
Mu menye ko kuri ayo mabanga mufise uno musi ata mezi atanu muyasigajeko kandi tudatsinze muzokwisanga mwibarabara mwagirizwe n'amakosa mutanazi ko mwakoze hama mutarwe mu mvuto.
NDABABWIRA NKIJWI RISEMERERA MU GAHINGA! Fata umwe umwe mu bagumyabanga mufise aho mutwara mufume mumuha mission imwe yo kuja hanze kugira ngo atangurane umwaka mushasha w'amatora n'akanyamuneza n'inguvu zo kwigisha no gukundisha umugambwe wacu Cndd-Fdd, ndabasubiriyemwo sinanse ko muja mu vyakazi hanze y'igihugu ariko ndazi ko ivyo mugiye gukora mushobora gushiramwo wa mukozi mutomuto mukajana. Ingendo zanyu zose zica iwanje, biroroshe kubimenya.
Isuganye rero nta maberebere yica inyana, ntimwovuga ngo ntaburyo buriho kuko nubwiwanyu mubigomvye buraboneka, ntimwitwaze aho amashirahamwe yanyu ageze canke ko ayo mwateguriye ico gisata yaheze, muribuka ko intererano zanyu, zivuye mu duhera twasigaye muvuye hanze ataco zitwungura mu matora ya 2010, ntibizorenza ijwi rimwe uzotanga.
Abo bagumyabanga benshi mbere bariko batambikiza mu mugambwe kubera mutigeze mubereka urukundo aho muherereye, n'aboba barabigize ntibwaciye kabiri barabiheba. Ndabibasavye nshimitse ubutigu burageze.
Abagifise aho boshobora gushiramwo abagumyabanga mu kazi ni mutangure hakiri kare kanatsinda murazi ko twafashe ubutegetsi dusanga abaporona n'abaforodebu bujuje abantu atanakazi wasanga bafise canke bakagasangira ari batanu, ico twebwe sico twokora ariko ahari ibibanza injiza y'abagumyabanga muzi kandi mwemera mubabwire ka muhawe n'Umugambwe, kandi atagukekeranya uruhusha mwumvise ko murufise, ariko rero uwuzosaba igiturire c'ako kazi atanze bikamenyekana mu menye ko ababijejwe atakigongwe bazobagirira.
Ndabasubiriyemwo: TEGURA INZIRA Y'AMATORA,
Ni mugire amahoro y'IMANA, Ibazigame Ibahe ubwenge bwo kwiyumvira n'ugutahura amajambo mpejeje kubashikiriza. MURAKOZE.
Ni Tugire CNDD-FDD n'intsinzi
Président du Conseil des Sages.
|
|
|