UKURI KURABANDANYA KUJA AHABONA KW’IGURISHWA
RY’IPARASERA Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD
14 Kigarama 2007
Haraheze
imisi tubamenyesheje ko iparasera yari yahawe umugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca
BUJUMBURA, hari muri Ndamukiza 2006, yagurishijwe na Jérémie NGENDAKUMANA,
umukuru w’uwo mugambwe yagenywe n’ikoraniro ry’i
NGOZI, ubu yagaragaje icese ko anyonora itunga ryawo.
Inkuru dukura mu bereye NGENDAKUMANA, zivuga ko ishavu riniga kubera umukuru
w’igihugu NKURUNZIZA aherutse kumukura amata mu kanwa mu kubuza ko iyo parasera
bayubakamwo kumvo zuko yagurishijwe mu makosa, kandi ari iy’umugambwe.
Nico gituma
Jéremie NGENDAKUMANA n’umurwizatunga twari twavuze ko yayigurishijeko ariwe
Constatin NDIKUMANA avuka i GITEGA, batanguye kumwambika ibara no kumwararaza
ngo yivanze mubitamuraba. Aho bafise
ubwoba ko bazosubiza amafaranga bariye kur’iyo parasera yaguzwe vy’ukuri n’umunya
kenya yitwa KARIUKI, asanzwe arongoye ishirahamwe idandaza ibitoro
ryitwa DALBT. Abasanzwe barakurikiramye ibintu uko vyagenze, iyo DALBT ni yo
icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gabriel NTISEZERANA yari yashinze ko
ikorera mu ngata INTERPETROL mu gikorwa co kuzana igitoro mu BURUNDI, kuva aho
igiriye ingorane n’ubutegetsi buhari.
Muti none KARIUKI aje gute mu manyanga y’amatongo mu Burundi ? Itohoza twagize
mu begereye NGENDAKUMANA na Constantin NDIKUMANA umunyakirimiro, yabaye igihe
kirekire muri Kenya iyo yari yarahungiye ;
zitumenyesha ko KALIUKI yatumye NDIKUMANA kumugurira parasera mu gisagara ca
Bujumbura. Kubera itama rya NGENDAKUMANA, yaciye acisha k’uwepfo parasera y’umugambwe
twababwiye ko iri mu ngagara mw’ihuriro
ry’amabarabara ryitiriwe « Nations-Unies ». Uwo KARIUKI ngo yatanze amafaranga
y’uburundi imiliyoni 80, mur’ayo NGENDAKUMANA akaba yariyemwo
imiliyoni 50, ayasigaye akaba ngo yabaye amatabizi ya NDIKUMANA, ngo ni ico
yise « komisiyo ». Uwujejwe amatongo yo mu gisagara we ari we Anselme WAKANA
yari yahumirije kubera NGENDAKUMANA na NTISEZERANA bamufata
nk’inkundwakazi, kubera bazinanyi mu kaja ko kurya amaparasera ya Leta.
Iyo nda ndende niyo iriko bata ubwoko mu kwambika ibara umukuru w’igihugu we
twoshimira k’ubu ho yifashe mu jisho agafata ingingo rugabo. Tumusavye ko
yohagurukira abo bose banyonora itunga ry’igihugu.
Nave mu
biruhuko, ashire mu ngiro amajambo asosa adasiba kuvuga Ahandi ho bazovuga ko
inderetsi y’umusuma ariwe munyonozi. Kazohava kamudererana.
Burundi
Transparence
 |