Umukuru w Inama Nshingamateka yakuwe atamategeko akurikijwe
ITANGAZO No. 002/RYO KU WA 17 NTWARANTE 2007/ RY’ABASHINGAMATEKA BAKOMOKA MU MUGAMBWE
CNDD-FDD BARANGWA N’IYUBAHIRIZWA RY’AMATEGEKO MU GIHUGU
Haraciye igihe kitari gito hibonekeje ingendo ijanye no guhonyanga amategeko.
Inyuma y’ikoraniro ryabereye i Ngozi bidaciye mu mategeko hakurikiye ikurwa mu buzi ry’ abakozi bamwe bamwe mu
bakozi ba Leta bamuka mu mugambwe CNDD-FDD bahorwa ko bashigikiye iyubahirizwa ry’amategeko. Ivyo navyo rero bikaba
vyavuye ku kutabona kumwe ibijanye n’amategeko hamwe n’abajejwe kuyubahiriza, bigaca bituma haba abasasira indava
ingeso yo kutubaha amategeko kugira ngo igihugu c’Uburundi camemwo akajagari. Abo rero babikora biyobagiza ko Ibwirizwa
Nshingiro rirekurira Umurundi wese kwishira n’ukwizana mu vyiyumviro vyiwe no kugira uruhara mu mashirahamwe ayo ariyo
yose tutibagiye n’imigambwe.
Biramaze kugaragara ko hariho abantu bamwe bamwe atakindi kibaraje ishinga atari
ugutoteza Abanywanyi b’Umugambwe CNDD-FDD basaba kandi bagashigikira ingendo yo kwubahiriza amategeko. Iyo nyifato nayo
ikaba yibonekeza mu nzego za Leta, mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka.
Nta n’umwe yokwirengagiza akamaramaza
kabonekeye mu Nama Nshingamateka kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2007 aho Icegera ca mbere c’iyo nama nyene yategura kwiyamiriza
Umukuru w’Inama Nshingamateka, Madame NAHAYO Immaculéé, mu mpisho kandi atariho anari, agatako akamukuza ata mategeko yisunzwe
kiretse ibinyoma gusa. Iyo ngendo nayo ikaba atakindi yerekeye atari uguteza urubwa igihugu no kwinyegeza inyuma y’ibintu
bidafashe mu gukumira bamwe bamwe kugira batore inyishu z’ibibazo vyabo bitajanye n’intumbero ya politike. Nta n’umwe
yokwiyobagiza ko icegera ca mbere n’Umukuru w’Inama Nshingamateka bari basanzwe badacana uwaka.
Turibukije kandi ko,
bivanye n’irementanywa ry’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, icegera ciwe ca mbere yakuwe mu mabanga yari ajejwe hatisunzwe
amategeko. Iryo honyangwa ry’amategeko ryakozwe izuba riva rikingiwe ikibaba n’abandi bakenguzamateka, kandi aribo bajejwe
kuyashiraho no kuyubahiriza.
Si agaseseshwa rumuri ko iryo honyangwa ry’amategeko rifise izindi ntumbero zinyegeje,
tukaba dusavye rero ko umwe umwe wese aho ari yovyiyamiriza. Ntitwibagiye kuvuga ko ivyo vyose bikorwa mw’izina ry’Umukuru
w’igihugu, nkuko abo bene kubikora nyene bavyivugira. Ishaka ryerekanywe na bamwe bamwe mu barongoye inzego z’igipolisi
n’igisirikare, bahonyanga amategeko ku mugaragaro ntirihumuriza. Ni bamenye ko ibizoshika vyose bazobibazwa umusi uri
izina.
Iterabwoba rigirwa n’abo nyene ku Bashingamateka, Abakenguzamateka n’abandi ntirihumuriza bene Burundi.
Ni basubize agatima mpembero, bamenye ko Uburundi ari ubw’abarundi bose kandi ko dutegerezwa kububanamwo mu mutekano ata
wandya wangura.
Kubw’Abashingamateka baharanira iyubahirizwa ry’amategeko,
Hon. Pascaline KAMPAYANO Umuvugizi
 |