Actualités
Ikete ry'Umushingamateka KANA Jean Fidèle kuri Nyen'Icubahiro Pierre NKURUNZIZA
(Source: Burundi Bwiza)
Le 11 février 10
KANA JEAN FIDELE
Bujumbura, kuwa 06 Ruhuhuma 2010 UMUSHINGAMATEKA
YATOWE MU NTARA YA
BUBANZA
Kuri Nyen'Icubahiro Umukuru w'Inama Mpanuzwajambo
ya CNDD-FDD, mukaba n'Umukuru w'Igihugu c'UBURUNDI
I
BUJUMBURA
IBIRIMWO:
Ikete ryuguruye ku vyerekeye amanyanga akorerwa mu
Mugambwe CNDD-FDD
Nyen'Icubahiro Mukuru w'Inama Mpanuzwajambo
Mbanje kubaramutsa ndabifuriza amahoro y 'Imana nongera ndabibutsa ko ndi wa muvandimwe wanyu mwagendana k'urugamba musangira akabisi co kimwe n' izindi mboneza za CNDD-FDD.
Ndi wa muvandimwe wanyu ari mu mugambwe CNDD-FDD yabagamburukira nkanitaba n'ikoraniro kaminuza ryawo ryo kuwa 07 Ruhuhuma 2007 ryabereye I NGOZI.
Ndi mwene wanyu nkuko mutahengeshanya kwinyita mwene Data kuva tukiri mw'ishamba, kugeza umusi wanyuma mwampereyeko umubonano nabahereyemwo impanuro kubijanye n'amarementanya yariko arakorerwa Umushingamateka Husseini RADJABU kukaba kwabaye ukwikurako agashambara, turavye ico yamariye buri mugumyabanga murugamba rwa Demokarasi, eka n'uruhara rwiwe mu mugambi w'amahoro. Ivyo mukaba mubizi kurusha mbere abafashije UBURUNDI muri uwo mugambi, baba abari mu gihugu hagati, baba abari mu karere Uburundi buherereyemwo ndetse no mu makungu.
Muri uwo mubonano narabahanuye ko kumushengeza ku mvo zihagaze ku marementanya vyohagarara maze ingorane ziri hagati yanyu zigatorerwa umuti biciye mu biganiro n'umwumvikano, vyo vyateye iteka Umugambwe wacu CNDD-FDD gushika aho uramutswa igihugu.
Ntimwigeze munyumvira, ahubwo mwaciye mumfata nk'umwansi wanyu aho muboneye ko jewe ntarota kandi ntazokwigera mpemukira uwo canke abo twagendanye. Bati hariho ukuri kubabaza kandi ngo guca muziko ntigusha.
Abarundi barayamaze ngo: ukuri kurazirwa. Naciye ndonka ubutumwa butandukanye bw'iterabwoba ko ntegerezwa kuva inyuma ya Radjabu. Mu bagiye baranshikiriza ubwo butumwa harimwo n'umukuru w'Ibiro bikuru vy'Iperereza Jenerali Majoro NSHIMIRIMANA Adolphe wewe akanamenyesha ko ari ku neza y' Umugambwe.
Ibi umukuru w' Ibiro bikuru vy'Iperereza yabimbariye ansanze muhira iwanje, yongera antuma ngo nje guhanura Umushingamateka Husseini RADJABU, ngo akwandikire ikete agusabe ikigongwe , ko kandi ikibazo ciwe ari wewe ugifise mu minwe, ko atakwandikiye azofungwa imyaka icumi n'itanu (15).
Nanje namubwira nti : Mbwira ico yacumuye usivye irementanya muriko mumugirira. Yaciye ambwira ati nahora ngira ngo uravyumva none raba.Niho baca batangura kuvuga ngo ndi kwa Radjabu nkuko vyashikiye n'abandi bagumyabanga batari bake, bakumiriwe mu mugambwe kubera uwo mwikeko.
Nyen'Icubahiro Mukuru w'Inama Mpanuzwajambo,
Uko munzi ndigenga mu vyiyumviro kandi ndafise ubwenge n'amaso yo kubona, nta n'umwe afise uburenganzira bwo kwiyumvira mu kibanza canje.Si ndi mu bantu bemezwa ko ikintu cera kandi cirabura. Mu nyuma nahavuye ntahura ko hariho n'abandi umukuru w 'Ibiro bikuru vy'Iperereza yacishijeko ubutumwa nk'ubwo.
Naragaye bimwe biboneka ikurwa mu burongozi bw'uwahora ari Umukuru w'Inama Nshingamateka umushingamateka Makurata NAHAYO, bakoresheje ibinyoma, eka n'urufasoni ruke vyatyoje umugambwe CNDD-FDD. Ibirego vyashikirijwe ntivyagira ishingiro nkuko na mwebwe mushobora kuba mwarabibonye ; ngira ni naco gituma mwamushinze ayandi mabanga akomeye mumugira umushikiranganji.
Munyuma naratahuye ko yari integuro yo kuburabuza no guta muri yompi bamwe mubo mwagenda nk'abashingamateka Husseini RADJABU, Pasteri MPAWENAYO na Jerarudo NKURUNZIZA ,bakaba bafunzwe ku mvo za politike, bikaba vyaranagaragajwe n'amashiramwe yigenga yakurikiraniye hafi imanza zabo, canke Urunani rw'Inama nshingamateka yo kw'isi yose (Union interparlementaire) rudahengeshanya kwerekana amanyanga ari m'urubanza rwabo.
Izo nteguro zatumye abatari bake, bitwaje amabanga bafise mu mugambwe no mu butegetsi, bitwara nk'impene zo muci : ikinyoma, agahotoro, akagaye no guhemuka vyabaye ingendo ibaranga.
Kubera ivyo abafise ben'iyo nyifato, nshimye kubibutsa impanuro ziri mu ruririmbo ruhayagiza umugambwe wacu.
1. CNDD-FDD Inama y'abanyagihugu baharanira demokrasii nyakuri, mu gihugu kigengwa n'amategeko, abarundi bose bubahirizwe, bishire kandi bizane mu gihugu c'amavukiro batunge batunganigwe mu babo no mu vyabo ata wandya canke wangura.
2. CNDD-FDD irondera ineza ya bose, ntikumira igomba ubutungane ugusabikanya muri vyose, umutekano kuri bose kugira bene Burundi boye kwama bicwa kandi ataco bazira, banganzwa nk'ibikoko, abarundi turavyanse.
3. CNDD-FDD irondera intwaro isubiza ijambo abanyagihugu, hakaboneka indongozi zibikwiye kandi z'imvugakuri, zemera ubutegetsi buciye mu matora abarundi bakarongorwa n'abo bitoreye atagikenye n'agahotoro.
4. CNDD-FDD ni wewe twizigiye usubize iteka abarundi, urwanye ikinyoma n'akarenganyo, akagaye no guhemuka, iragi twasigaranywe n'incungu za demokrasi RWAGASORE Na NDADAYE biguze abarundi bose, muze twese turigendere.
5. CNDD-FDD mizero y'abarundi nta numwe atogushima imigambi yawe ibereye uburundi, abarundi isinzi tukuri inyuma nukomere mu bawe, we rukiza rw'abarundi tuguhaye urabikwiye ku migambi yawe myiza, CNDD-FDD.
Nyenicubahiro Mukuru w'Inama Mpanuzwajambo,
Naragiye mw'ikoraniro ry'i Ngozi, nibaza ko kandi nifuza ko hoba ugusubiza hamwe kw'imirwi ibiri yaciye ivuka.
Ukutemera ubusuma bwa bamwe bamwe mu bari mu burongozi bw'umugambwe bwahavuye bwimonogoza, agatima k'ubwicanyi n'imvugo idahumuriza, vyaciye vyaduka mu mugambwe ; eka mwokwibuka gerenade zatewe abashingamateka n'ubundi bwicanyi bwabaye, vyatumye nkumirwa.
Sinigeze ntanga imihoho mu mugambwe canke ngo ndawirukanwemwo, ariko mwariboneye ingene nakuwe mu nama nshingamateka bandementanirije ngo sinkiri mu mugambwe. Hagukoma amashi mu ntumbero yo guhemukira abiguze urugamba baba abakiriho canke abatakiriho, naravyakiranye ubwitonzi.
Iterabwoba nagizweko ryatumye nkinjura gatoyi gusa, ntibisigura ko nagiye kuyerera nka GAHINI.
Nyen'Icubahiro Mukuru w'Inama Mpanuzwajambo,
Ubusuma buriko buraba haba kubanyuruza itunga rya LETA, abarya ibiturire, n'ubwicanyi ; mubishatse vyohagarara kuko hakenewe igitsure canyu gishingiye ku mategeko, kuko ababikora usanga ari abitwaza ngo barashigikiwe.
Abikorera utwabo batari bake bararira, kuko uwo badakokoye baramudodobereza gushika ahagaritse ivyo yakora. Iyo ngendo idahagaze, umugambwe CNDD-FDD uzoba usigaye kw'izina gusa.
Ubutwari bw'umugambwe umengo busigaye buhagaze mu gukingira ikibaba inkozi z'bibi. Abanyuruje itunga rya Leta baridegemvya muri CNDD-FDD bakivugira ko atawuzobakorako igihe cose uwo mugambwe uzoba ugitwara.
Muri abo bamwe barabiyitirira ariko sinzi ko abantu nkabo harico bafasha uretse ugutobera umugambwe, tugasaba ko wobahagurukira ; vyoca bihagarara, biboneka ko mu gutunganiriza igihugu, ababi n'abeza mubarabira mu miryango yose ya politike. Ndazi ko mu manama y'umugambwe mwama muriko murerekana amabi yose, ariko ntihagire ingingo mufata, ivyo vy'inyifato zigayitse bibandanya ukuri kwamye.
Ikibi gikozwe n'uwo musangiye umugambwe n'igikozwe n'uwo mutawusangiye kiguma ari ikibi, nta kibi ciza kibaho.
Politike izohera, imigambwe izohera, ariko Uburundi buzogumaho kandi tuzoguma tububanamwo, yaba uwahemutse canke uwutahemutse, tuzoguma tubana ntaho tuzoshirana, nico gituma kugendera ubuntu vyari ngombwa kuri twese.
Kubera yuko mu mugambwe CNDD-FDD abanyonyezi n'injavyi aribo bica bagakiza, kugira abagendera akarangamutima k'umugambwe natwe tuwugiremwo ijambo nsavye ibi bikurikira;
1. Nsavye ko umutekano wanje wokubahirizwa sinsubire kugirirwa iterabwoba nkuko vyambayeko mu gihe giheze aho natabaza Umukuru wInama Nshingamateka, kubera gutinya igitsure c'abamutwara mu mugambwe ntiyigeze anyumviriza.
2.Abashingateka RADJABU Husseini, Pasteri MPAWENAYO na NKURUNZIZA Jerarudo nabo bafunganwe ku mvo zimwe za politike, bakwiye kurekurwa, imanza zabo zigahanagurwa, kuko vyagaragaye ko ataco bazira. Maze batahe nabo bitegurire kwitaba amatora nk'abandi Barundi.
3. Nihakorwe utwigoro twose dushoboka two gusubiza hamwe inguvu mu kugarura bamwe batotezwa babita ngo bashigikiye Radjabu, kandi birashoboka ko abantu bosubira hamwe habayemwo ugushaka. Gutyo Umugambwe wacu CNDD-FDD uzoje mu matora ufise inguvu zikwiye.
4. Umugumyabanga wese yafashe ingingo zatumye Igihugu gitakaza canke kikazoriha amafaranga y'umurengera, uyo ntakwiye kuzoja k'urutonde rw'abitoza mu matora yimirije ; ahandi ho bishobora kutubuza amajwi.
5. Umugumyabanga wese vyagaragaye ko yivye itunga rya Leta yariye ibiturire, yigenjenje nabi, nawe nyene nta rutonde na rumwe akwiye kujako mu matora yimirije, ahubwo mwofata ingongo zose zotuma bashengezwa imbere y'intahe.
6. Umugumyabanga wese agendera urwanko n'inzigo agenda yigisha,ahiga ubwicanyi, akora iterabwoba mu banyagihugu, baba abo badasangiye umugambwe, uwo mwofata ingingo y'ukutamushira k'urutonde na rumwe azojako mu matora yimirije ; ahubwo agafatirwa ibihano bimukwiye.
7. Mu mugambwe CNDD-FDD, ingendo yo gukoresha igikenya, iterabwoba kubo tutavugarumwe, mwokora ibishoboka vyose bigahagarara, kuko bitajanye n'ingendo ya Demokrasi, ndetse n'akarangamutima k'umugambwe.
Ndangije ndabifuriza kuroranirwa mu banyu, n'ugushikana ku ntsinzi ya kabiri umugambwe wacu CNDD-FDD.
Murakoze, Imana Mushoboravyose ibahezagire.
KANA Jean Fidèle Umushingamateka
|
|
|