| Burundi Transparence | |
![]() | |
Site Menu:
| AmakuruITANGAZO No.24 RY’UMURWI W’ABASHINGAMATEKA N’ABAKENGUZAMATEKA BAHARANIRA IYUBAHIRIZWA RY’AMATEGEKO. Kuri uno musi uri hejuru haramutse hugurugurwa icese ibikorwa vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka vyo mu kwezi kwa Ruheshi 2008. I. Muri ico kiringo vyaribonekeje imbere y’Abarundi n’Amakungu ko ibikorwa vyo mu Nama Nshingamateka vyahagaze, ivyo mu Nama Nkenguzamateka navyo biracumbagira ku buryo ata tegeko na rimwe ryizwe maze hanyuma ngo ritorwe biturutse ku biro vy’Inama Nshingamateka vyahungabanijwe n’ishirwaho ku gikenye c’Icegera ca Mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka habanje guhonyangwa amategeko. II. Turamenyesheje ko twababajwe n’ukuntu ibikorwa bitagenze neza na cane cane n’akigoro gake kibonekeje mu gutora umuti ku bibazo vyose aho usanga aho gushira imbere ineza y’Igihugu abarongoye izo nzego cane cane ugw’Inama Nshigamateka rwakoreye ku mohe y’Umugambwe CNDD-FDD asanzwe akomokamwo wo ubona ko iyo nama yoba igikoresho yokwishimikiza mu gutora umuti w’ibibazo ufise vyatewe n’Ikoraniro Kaminuza ryawo ryabereye i Ngozi kw’igenekerezo rya 07/02/2007 ritisunze amategeko. III. Turamenyesheje abarundi n’amakungu ko hakwiye ibiganiro nyakuri bidakumira vyotuma hajaho ibiro vyizigiwe na bose bidatamikwa ijambo canke ngo bijuragizwe mw’itunganywa ry’ibikorwa vya misi yose no mukwubahiriza amategeko y’Igihugu, kuneza y’urwo rwego, n’iyabanyagihugu bo bene kudutera iteka twishimikiza. IV. Turamenyesheje kandi ko inzira y’ibiganiro ariyo yonyene yamye ikiza Igihu mu ngorane zagishikiye. Tuboneyeho akanya ko kwiyamiriza abo bose bishimikiza umugambwe uri kubutegetsi canke inzego z’umutekano mu kugira iterabwoba kubashingamateka n’Abakenguzamateka batavugarumwe n’uwo mugambwe tutibagiye ya ngendo igayitse yo gushaka kubasinzikariza ubuzima. V. Turanezerejwe n’akigoro Urunani Mpuzamakungu rw’Abashingamateka n’Abakenguzamateka (Union Interparlementaire)rufise icicaro i Genève-Suisse ku kigoro rwagize mu kurungika intumwa zarwo mu Burundi kuva ku wa 12 gushika ku wa 16 Ndamukiza 2008 mu Burundi gufata mu mugongo Inama Nshingamateka mu nzira yo gutorera umuti ibibazo biri muri urwo rwego biciye mu biganiro. Turipfuza ko Umukuru w’Inamanshingamateka yovyishimikiza kugira ubuhinga bwabo mu gutatura amatati no mu guhuza abatavugarumwe bimubere urugero mu bikorwa vyiwe vya misi yose. Gurtyo, umugambwe CNDD-FDD ukaboneraho icigwa c’ukuvavanura n’ingendo y’ugutwaza igikenye no kudadaza maze ugashira imbere ibiganiro kuneza y’Abarundi bose udakumiriye. VI. Tubonye kandi ko ari ngombwa gusubira kugaragaza amakenga n’umubabaro kubijanye n’ibitero vy’ama gerenade vyagizwe ku ngo z’abashingamateka n’Abakenguzamateka batavuga rumwe n’Umugambwe uri kubutegetsi akaba atakiriko kirakorwa kiboneka kugira ngo iyo ngendo iranduranwe n’imizi mu Gihugu. VII. Turasavye umukuru w’Inama Nshigamateka kutavangura abo ajejwe kurongora haba mu bikorwa hagati mu Gihugu no hanze y’Igihugu, gurtyo Abashingamateka bagafatwa kumwe kuko ari akamaramaza aho bishika bagakumirwa mu ma nama canke mu biteramo. Kamwe mu turorero twinshi, ni nk’Inama yabereye mu Bubirigi bifashijwemwo n’ishirahamwe AWEPA vyitwa ko yarondera ineza y’Abarundi bose, baba abari mu Gihugu no hanze. Ivyo bikorwa vyaranzwe n’ivangura rihanitse ryatunganijwe n’umugambwe uri ku butegetsi bigashigwa mu ngiro n’umukuru w’Inamanshingamateka kuva muri Ruhuhuma umwaka w’2007. VIII. Turashimiye bimwe bivuye ku mutima amashirahamwe mpuzamakungu (Union Interparlementaire, Union Africaine, la Sous-région, BINUB, Haut Commissariat des Nations Unies aux Droits de l’Homme…….) hamwe n’amashirahamwe ya hano iwacu(APRODH,ITEKA,…….)bo batigeze barya umunwa mu kwiyamiriza no gukurikiranira hafi irementanya ryakurikiye n’itabwa mu mvuto ridakurikije amategeko ry’Umushingamateka EL-Hadj Hussein Radjabu. Abarundi n’amakungu barazi ko we n’abandi batari bake bazira ivyiyumviro vyabo. Ntituzohengeshanya kwiyamiriza iyo nyifato yo kutubahiriza amategeko no gusubiza itoto ingendo ya demokarasi. Uruhara uyo Mushingamateka yagize mu guhabuza demokarasi, mu biganiro n’amaszerano y’amahoro vyashikanye uburundi ku matora y’2005 n’agashimwe yahawe kuva ku wa 27 Ruhuhuma 2007, ivyo vyose bihagarikiwe n’Umukuru w’Inama Nshingamateka, birerekana intambwe urwo rwego turimwo rugezeko mu guhonyanga agateka ka zina muntu. IX. Turasavye umukuru w’Inama Nshingamateka ko atofatira ku vyiyumviro adahuza n’Umushingamateka El-Hadj Hussein Radjabu ngo ace yigira sindabibazwa ku kibazo kijanye n’ihonyangwa ry’amategeko ku mushingamateka nkawe. Barayamaze bati : « Ruriye abandi rutakwibagiye ».Uno musi ni Umushingamateka El-Hadj Hussein Radjabu, ejo ni uwundi uwariwe wese. Nico gituma duteye akamo bagenzi bacu ngo bahagurukire rimwe bose, maze biyamirize akarenganyo kariko karakorerwa Umushingamateka yatowe n’abenegihugu. X. Turateye akamo kandi umukuru w’Inama Nshingamateka ngo yubahirize kandi ahe iteka rikwiye ingoro y’amakoraniro itunganirizwamwo ibikorwa vya minsi yose vy’Abashingamateka. Si isoko, si aho batambira imiziki, sinaho bakarihiriza ubwenge nk’uko vyagiye biragarara muri ino minsi. XI. Mu kurangiza, turamenyesheje ko urubanza rw’Umushingamate El-Hadj Hussein Radjabu n’abo bagiririzwa hamwe rwamaze kwunguruzwa ; tukaba dusavye kandi abarundi n’amakungu kubandanya barukurikiranira hafi. Burundi Transparence
|
Burundi Transparence © 2008 | |