Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 Amakuru

ITANGAZO N° 19 RYO KU WA 27 NTWARANTE RISHIKIRIJWE N’ABASHINGAMATEKA N’ABAKENGUZAMATEKA BAHARANIRA IYUBAHIRIZWA RY’AMATEGEKO.
28 Ntwarante 08


Kuri uno munsi uri hejuru, abarundi n’amakungu baramutse bibuka ukungene Umushingamateka EL HADJ Hussein RADJABU amaze cumi na kumwe apfunzwe binyuranye n’amategeko mw’ibohero rya Mpimba. Haciye iminsi ibiri gusa ashizwe mu mvuto, Umushingamateka El Hadj Hussein Radjabu yaciye afungirwa mu kibanza yisangije hatisunzwe amategeko.

Urubanza rw’Umushingamateka El Hadj Hussein Radjabu rwashikirijwe Sentare Ntahinyuzwa inyuma y’amezi atandatu afunzwe hatisunze amategeko. Muri ico gihe, benshi mu Barundi n’abanyamahanga bari batanguye kwizera ko noneho ikinyoma kigiye gukubitirwa ahabona, ariko baratangaye kubona ko haciye amezi atatu urwo rubanza rutarandikwa kugira ngo rushobore gushikirizwa mu ntahe y’icese. Ariko kubera ikinyoma kimara umunsi kitamara umwaka, urwo rubanza rwaciye rushirwa ahabona kw’igenekerezo rya 22 Kigarama 2007. Aberwa n’urwo rubanza bose barumvirijwe kuva kuri iryo sango gushika ku wa 2 Nzero 2008, aho urwo rubanza rwaca rushirwa mu mwiherero. Hisunzwe ivyashikirijwe muri urwo rubanza, abarwumvirije bose batashe bahungungura amatwi kuko vyagaragaye ko uwo Mushingamateka atakimwagira kiretse agahotoro. Nta n’umwe yumva igituma hageze kino gihe urwo rubanza rutarasomwa.

Mu misi iri imbere idashika n’icumweru, ikiringo gitegekanijwe n’amategeko kugira ngo urwo rubanza rube rwasomwe kizoba carangiye. Sentare Ntahinyuzwa yategerezwa kwisunga mategeko, na cane cane kumenya ko ari urwego rurengeye izindi zose mu vyerekeye ubucamanza, ko rero utunenge turinze twibonekeza muri urwo rwego ahandi hoho biba vyarayangaye.

Nta n’umwe ayobeye ko Uburundi ari igihugu catunganijwe hisunzwe ingendo yo gutandukanya inzego nshingwantwaro (ubutungane, urwego nshingamateka hamwe na Leta). Urwego rwose muri izo twavuze aho hejuru rutegerezwa kurangura imirimo rujejwe rwisunze ububasha ruhabwa n’amategeko. Nico gituma ubutungane bwategerezwa kubera urumuri izo zindi nzego zose. Mugabo, kuvyibonekeza, urwo rwego rukorera ku mabwirizwa ya bamwe bamwe mu bagize inzego za Leta, nayo icitwa ubwigenge bukaba buvugwa mu majambo gusa. Turateye akamo Sentare Ntahinyuzwa tuyibutsa ko mu ngendo yayo atakindi cokwisungwa atari amategeko, maze ubutungane bugatunganiriza co kimwe abarundi bose, maze twese tubonereho kwubaka igihugu kigengwa n’amategeko.


Kubw’Umurwi w’Abashingamateka n’Abakenguzamateka baharanira iyubahirizwa ry’amategeko,

Umushingamateka Pascaline KAMPAYANO

Umuvugizi

Burundi Transparence

 

 

 

horizontal bar

 

Burundi Transparence © 2007