Iperereza canke akajagari n’iterabwoba ?
Le 15 avril ‘07
Haciye igihe atari gito Abanywanyi bamwe bamwe b’Umugambwe CNDD-FDD
baterekwa ihonyangwa ry’amategeko agenga uwo mugambwe ryabereye i Ngozi
bagaraguzwa agati n’abapolisi bo mu biro vy’iperereza hano mu Burundi. Nkuko
bivugwa, uwutwara ivyo biro vy’iperereza yoba yatanguye gukwiragiza abantu biwe
abaha ibirwanisho bicira umuriro mu ntara zose z’igihugu mu ntumbero yo gutoteza
abo batemera ikoraniro ryabereye i Ngozi ritisunze amategeko.
Nkuko ababikurikiraniye hagufi babivuga, i komine yose yo mu gisagara ca
Bujumbura yoba yarungitswemwo abagizi ba nabi bashika cumi, aha rero
tukamenyesha ko ivyo bigamije kubangamira ubuzima bw’Abagumyabanga bamwe bamwe
batatamitswe ijambo ryo gushigikira ihonyangwa ry’amategeko ryabereye i Ngozi.
No mu zindi Ntara zose z’igihugu ivyo bigenda vyibonekeza kuko iterabwoba
rikorwa n’abo bajejwe iperereza mu Ntara riteye amakenga abanyagihugu.
Biragaragara ko harimwo ukuri muri ivyo bivugwa kuko habaye ibitero vy’abantu
bakoresheje ama grenade ku muhana w’Umukenyererarugamba aba muri Komine Kamenge
muri izi ndwi zibiri ziheze. Ibindi bitero nkivyo vyarateguwe muri Komine ya
Kinama, ababiteguye n’abazobikora nabo bakaba bamaze kumenyekana.
Abagumyabanga babereye koko iryo zina babona ko iryo terabwoba ryerekana koko
ububegito bw’abo bakozi b’iperereza bo ho gukorera abanyagihugu bose atakuraba
ivyiyumviro bijanye na politike n’ibindi, bakoresha ibicanishamwo abarundi ata
mvo ihari. Ivyo birerekana kandi ko abari bateguye gusambura umugambwe CNDD-FDD
batigeze biyumvira ingene bazotora umuti w’ingarukambi z’iryo bomborabombora
bari biyemeje.
Nta nkeka ko hihwejwe ibikorwa hirya no hino n’abakozi b’iperereza, biragaragara
ko intumbero nyamukuru yabo ari iyo gutoteza abo badasangiye ivyiyumviro, cane
cane mu ntumbero yo gutsimbataza akarenganyo, ububeshi n’uguhemuka biranga
abihaye inzira yo gusenyura ingendo ya demokarasi.
Ntibitanganje kubona ko abatwara ivyo biro vy’iperereza bakoresha ibinyamakuru
bimwe bimwe mu gutera icuka kibi no ku nzego za leta.
Ubu rero benshi baribaza ko ikurwa ry’icegera c’Umukuru w’ibiro vy’iperereza
hamwe n’Umunyamabanga mwishikira wabo ryoba ritumbereye kworohereza abanyagihugu
canke ko ryoba ritumbereye ibindi. Reka tubitege amaso !
CISHAHAYO Dancile
 |