Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 

INKA YAMAZE KUBAGWA YOSUBIRA GUHAGARARA BIGAKUNDA ?

Le 02 avril ‘07
 

Kuva habaye Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe kandi ritisunze amategeko y’Umugambwe CNDD-FDD ryabereye i ngozi ku wa 07 Ruhuhuma 2007, haciye hatangura kwibonekeza ingorane zitandukanye zerekana ko uwo mugambwe utakigendera akarangamutima kawo. Kukaba nkako, ingorane zimwe zimwe zaciye zibonekeza nko gukura mu kazi abakozi bakuru bakuru b’Abagumyabanga bazira ko batitavye iryo koraniro ry’i Ngozi. Aha twovuga nk’abashikiranganji bamwe bamwe, icegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu, icegera ca mbere c’Umukuru w’inama Nkenguzamateka be n’Umukuru w’Inama Nshingamateka n’abari barongoye amashirahamwe yegamiye Leta. Iyo yabaye intango, n’abandi bari munyuma. Iruhande y’ivyo, hakurikiye kwivayanga muri uwo Mugambwe bikozwe n’abo bose batahora berekwa uwo mugambwe ari nabo bawurwanije cane cane igihe wari ukiri Umuhari utarahagarika intambara.

Hakurikiye ingendo n’imvugo bibi bisigaye arivyo biranga abitwa ngo ni indongozi bategerezwa kubera akarorero keza abandi. Aha twotanga akarorero twumvise ko uwitwa NKUNZIMANA Emmanuel arongoye ibisigarira vy’umugambwe CNDD-FDD mu Ntara ya Bujumbura aho asigaye arangwa n’ingendo yo gushirisoni kubamuboneye izuba muri politike bakanamufata mu mugongo kugira ngo agere aho yari ageze ubu. Uwo rero yaribagiye icatumye aba Musitanteri wa Komine Mubimbi muri Leta mfatakibaza naho vyamuviriyemwo kwiteranya n’abanyagihugu kubera imfashanyo za PAM, ivyo bigatuma haba inkurikizi mbi mu matora yo mu mwaka w’2005. Hariho n’ibindi bibi yiyibagije vyamuranze mu misi yanyuma y’urugamba mu kibira umugambwe CNDD-FDD ukiri umuhari. Birababaje kandi kubona yakoresheje inama abanyagihugu ku wa mbere igenekerezo rya 19 Ntwarante 2007 i Mubimbi abanje kubategera ku mfashanyo z’ishirahamwe FIDA : ibigazi, imivyaro y’imicungwe, n’ibikotikoti vy’imyumbati. Hariho n’abandi benshi tutarinze kudondagura ngaha.

Twomenya ko amahera FIDA ikoresha mu bijanye n’izo mfashanyo ari ingurane ya Leta abanyagihugu bose bazoriha.

Akajagari rero muri uwo Mugambwe murumva ko atari gake. Ababirabira kure baremeza ko uwo Mugambwe ugeze habi. Reka tubirindire ariko tuzirikane uwo mugani ukurikira:

«Harabaye abagabo bari basangiye inka yitwa Bahebiyake. Umusi uri izina bayirengeyeko barayibanga, imisoso bararya baraheza, icibagiwe co ni umutwe n’ubwonko bwayo. Bugingo bahejeje kurya imisoso, baca bibuka ko yahora ibaha amata, maze baca biruka kwegeranya amagufa yayo ngo baterateranye ariko bibagira ko ubwonko, umutwe n’imisoso bacishije ku wepfo. Baciye begeranya amagufa yayo n’amahembe babitekera mu rusato rwayo bibaza ko isubira guhagarara barahebura.Hoba hariho abipfuza kumera nkabo bagabo ? Si je nohahera, hohera ………… ».







 

 

 

 

 

horizontal bar
 

Burundi Transparence © 2007