Actualités
Semerera yemwe, murumvako tugeramiwe nabashaka gutsinda ku nguvu!
Par Jean Pierre M.
Le 13 avril 10
Nkurunziza ariko arakoresha uburyo bwose ngo atorwe ku nguvu. Amahera menshi ariko araja hanze atwawe na Wagara hamwe na Rurimirije kugira mu minsi iza amatora atanguye bayazane kuyasukira abanyagihugu ngo babatore hamwe nabapolisi be nabasoda bakuru bakuru bamwe bamwe kugira bamushigikire.
Uwo mugambi kandi bawusangiye na Adolphe Nshimirimana kugira azogume ariwe ashinzwe ikigega ca documentation kitamurikwa ! Aho aboneyeko hari abadashaka kumutora muri conseil des sages, yaciye arakara ati ntegerezwa gutorwa.
Muri bino bihe rero ariko araraba ukuntu Rufyikiri nabandi boheba umugambi wo kwitoza. Iterabwoba rero ubu rirakaze muri CNDD-FDD kubanywanyi bamwe bamwe batari inyuma y'uwo mugambi wa Nkurunziza. Ninaco gituma congres yatevye, naho bakiyirindiriye kugira babe barakoresha uburyo bwa Leta!
Hari iyindi miigambi yafashwe.
Nkurunziza yataye umutwe ashaka kwitoza kandi ngo atsinde ku nguvu kugira agume mu kibanza arimwo kandi ashaka ko abo mukarere bamushigikira. Ngo yarabonyeko ataco yakoze kandi habaye amabi menshi ku ntwaro yiwe (Falcon 50, ubwicanyi bw'i Muyinga na Kinama, amabarabara atakozwe, ibiturire ntangere, kunyuruza amahera yigihugu, kunyuruza amatongo, .). Muribuka bimwe yavuga ariko aripfuriza umwaka mushasha abanywanyi biwe bamwegereye ko bategerezwa gutsinda ku nguvu.
Ubu rero ariko ararondera uburyo bwose ngo ashigikirwe nabo mu karere kubuseruko, cane cane Museveni be na Kagame/ Ikindi ashaka nuko botwarana na Uprona.
Ku Rwanda nukugira yishure amahera yoba yakoreshejwe mu matora yo muri 2005. Umuntu rero ari murivyo nuwitwa Karim Vice President wa FPR akaba ariwe ngo azohava aza kucungera amatora kuruyeri ku rwenge. Muribuka za 34 milliards zamarundi zatumye, zigahitana na ministre Ndayiragije Samuel.
Kuri Museveni nukugira rya deni ry'imiliyoni cumi na zitanu zama dollars Nkurunziza arifute. Bagaza yari yemeje ko iryo deni ariryo kandi ko Uburundi bworyishuza. None Nkurunziza ngo yaremeye kurifuta niyo yamushigikira kugira yitoze kandi atsinde ku nguvu. Uruyeri yatoye nurwo kuvugako iryo deni ryishuwe biciye muri yamakaye yabana bo mu mashule yintango, amaparaki yimiduga , nibindi.
Ikindi naco nuko hari umuhindi avyirukamwo kandi akaba ariwe ahingura ayo maparaki yimiduga. Uwo niwe yari mubafashije kugura ya Falcon 50 yatuma nkifu yimijira abarundi bagasigara bipfumbereje! Kanatsinda murabonako inzara iriko irica abantu mu Kirundo, hirirwa yegereyegere mu bakozi ba Leta nibindi vyinshi cane.
Ivyo akoresha
1. Ubu naho ariko aratanga amahera menshicane ayaha Rifyikiri, Ntavyohanyuma na Ngendakumana cane cane kugira bahore ntihagire uwucutsa umutwe wo kwitoza. Ntamaprimaires ashaka kandi ntayazobaho.
2. Ariko azunguruka mubuhingamo naho kugira arondere abamushigikira. Ariko arasesagura amahera menshi cane atagira uko angana kandi Uburundi bukenye, abagize yegereyegere babishurako atamahera ariho.
3. Barondeye iyindi migambwe kugira berekaneko bafise urunani , ko aborutavugarumwe nabo vyabananiye kugira urunani. Hanyuma bazoce bavuga ngo batsinze biboroheye. Ivyo kwiba amatora biguma ari umugambi, bariko barondera uruyeri rumurika bazocako.
4. Nshimirimana Adolphe yaroye iwabo i Gishubi kugirisha inama abanyagihugu baho. Ababwira ati mutegerezwa gutora Nkurunziza, mutamutoye najewe nzoba mvuyemwo , ndabamenyeshako nzoca nsubira iyo navuye! Ati muryumve rero. Abantu baciye bahigimanga nawe ati muragabe ndabamenyesheje mutabikwirikije muzokomereka!! Ivyo yabivuze izuba ryaka.
Hari urundi ruyeri ariko arakoresha! Nkurunziza muri uyo mugambi afata abasoda biwe nabapolisi bafatanije mu mugambwe wa CNDD-FDD akabahonga namafaranga menshi cane, hanyuma akababwira ko atawova mwishamba ngo atware imyaka itanu gusa, ngo ibiburiburi imyaka cumi.
Kurico yabumvishije ko bategerezwa gutsinda ku nguvu kandi bagakoresha uburyo ruhasha rwo kuburagiza abo batavuga rumwe canke kuvuruga amatora ku buryo bwose bushoboka. Uburyo ngo ni bwinshi: Gusesagura amafaranga menshi cane nibintu nkamabati nimpuzu mu banyagihugu kugira bamutore, kwiba amatora, gukoresha inguvu, kwica abo batavugarumwe baboneka, abandi babapfunge canke bababuragize mu kubacungisha icamaso canke kubatera ubwoba. Murumvako ako ari akamaramaza! Uwo mugambi uzohava udushikana ku mabi yabaye mu Rwanda canke muri Kenya.
Impanuro ngaha irakwiye: Nkurunziza naheze neza ugutwara kwiwe , yubahirize amategeko kandi abe sebarundi. Ntakoreshe inguvu mu kwitoza, nakwirikize amategeko mu mugambwe wiwe be nayigihugu. Ahandiho azohava asanga aburiyemwo naho abarundi ataco bazira bazohava bahasize agatwe.
Twiyamirize twese rero uyo mugambi ku neza ya bose, abo Uburundi bumaze kubura ni benshi cane, ntidusubire mu kaga. Kandi Uburundi burashobora kwogorora abari ku butegetsi be nabatavuga rumwe nabo bafatanije bagashira imbere ineza yabanyagihugu kandi bakemeza aho abanyagihugu bashize mu mwidegemvyo w'amatora!
Semerera yemwe, murumvako tugeramiwe nabashaka gutsinda ku nguvu!
Murakoze kubimenyesha abarundi namakungu ku neza ya bose.
|
|
|