Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°62)
Le 13 janvier 10

Ikete N°62
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Nkundira nsubire kugufatira akanya gato kugira duhane ivyiyumviro n’inkuru kuko birakenewe.
Aka gakete ndakakwandikiye kuko dufise ico dusangiye; gishobora kuba ari igihugu catwibarutse twese nkuko gishobora kuba ari igihugu dukunda twese. Bamwe bamwe mu barundi bama bibaza ngo havugana abasangiye ivyiyumviro cane cane ivya politike, haba namba ! Ivyo ndabibona cane cane mu banywani b’umugambwe CNDD-FDD usanga mfise mwo abagenzi benshi, iyo tuvuganye usanga bajugumira ngo bimenyekanye bobamara. Umunshingamateka EL Hadj Hussein Radjabu arantunga iyo mvuze CNDD-FDD haraho abona ko nawe tumuvuze. Oyaa wewe nivyo turazi ko akiri muri uwo mugambwe akaba afitaniye urubanza n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwo bwatunganije ikoraniro rya CNDD-FDD kuwa 7/02/2007 bigatuma uwo mugambwe ucika mwo ibice bamwe mbere turawuvamwo urwo rubanza bose barazi ko rutarava mu nzira.
El Hadj Hussein Radjabu amenye ko mvuze abagumyabanga baca bajugumira iyo bavuganye nanje mba mvuze barya basigaye baramukanya Shirira ! Guguna ! Zirye zose n’iziri mu magi ! Wewe turazi ko atariko aramukanya kuko yagumanye indamutso iri mu mategeko y’umugambwe ; jewe sincibuka iyo ndamutso kuko urazi ko uwo mugambwe nawuvuyemwo nkaba nibereye muwo baramukanya ZIGAMIBANGA bakishura TURISANGIRE.
Ngarutse rero kuri ivyo vyokuganira umve ndaguhe impanuro canke umpanurire abatavyumva bama bariko baraturubiba abandi ngo bavuganye n’abatavuga rumwe n’umugambwe wabo, ivyo vy’igisha urwanko, jewe rero nandikira bose abo turi kumwe n’abo tutari kumwe kandi nkavugira uwo wese arenganijwe nkidogera canke nkakebura uwukoze ibitabareye.
Inkuru nashaka kugutera noneho nawe urabizi n’ibijanye n’irya mpamba abanshingamateka, abakenguzamateka n’abari muri reta bateguye kwitekerera. Twese twarifashe ku munwa na cane cane koatanumwe yacishije mu kanwa ibijanye n’abashingamateka 22 barenganijwe bakanakwa imiduga yabo nka kumwe intwaro ya cami mu Burundi yanyaga, yoyo yaranyaga ikanagaba kandi yanyaga abahemutse ariko ubu urabona ko hanyazwe abanka ihonyangwa ry’amategeko, none !! Ko Umukuru w’igihugu atwaruye aja mu namankenguzamateka atarinze gutorwa ! Hari ugutekererwa kuruta uko ? Abakenguzamateka barongoye igihugu ko baguma muri iyo nama babatekerera nabo ngo bariko baraja he ? Emwe !! Ibara ryaraguye have nigereze ngaho.
Ncuti ntutinye kwama untera akamo naho ntaramukanya shirira jewe tuzovugana canke twandikirane ata nkomanzi ntihagire uwuguteranya n’incuti.
Urakoze. Ariko wibuke ya mpanuro ya Musenyeri Ntahoturi yabwira umukuru w’igihugu igihe arahira ngo ntaze amere nk’abandi bama bashaka guhindagura amategeko kugira bigumize ku butegetsi ; ntiwobura uwo ugafashisha, urakoze.
Umwaka mwiza kandi w’2010.
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|