Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°61)
Le 26 décembre 09

Ikete N°61
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,
Noël Nziza mwana wa mama ; Noël nziza ncuti y’Uburundi n’abandi. Hinge mfate akanya ko kukwifuriza umwaka Mushasha w’2010 ; ukubere umwaka mwiza mu muryango wawe ; no mu kibano cawe. El Hadji Radjabu Hussein n’abandi banyepolitike bapfunzwe n’ubutegetsi bamwe bakaba ari Mpawenayo Pasteur ; Bigirimana Jean ; Ribakare Boduin ; Nkurunziza Gérard ; Kagabo Evariste ; Birori Nestor ;Nyabenda Jérémie Hassan ; Haragakiza Jean Marie ; n’abandi nabo nyene barakwifuriza Noël Nziza n’umwaka Mushasha mwiza wa 2010 ngo uzo ubere abawe bose umwaka wokurwanya amarementanya mu gihugu no gutsimbataza umutima w’urukundo hagati y’abarundi no ku Burundi.
Murundi mwene wacu nawe Murundi ukunda abarundi;
Muri iyi minsi mikuru ya Noël n’umwaka Mushasha 2010 wiyegereze Imana ataburyarya kandi umenye kop ivyo ukora vyaba bibi vyaba vyiza yama iriko irakwihweza. Urambabarira ngira ndaguhe impanuro iri mu gitabu c’Imana Bibiriya yera; hamwe yoba iraba wewe; imbere yo kwama wishira hejuru ngo uri mu minwe y’Imana uyisenge uyisaba guhinduka. Hamwe yoba iraba incuti yawe uyihanure uyisengere ihinduke.
Ncuti, impanuro si iyindi ni amajambo matagatifu dusanga muri Zaburi 50 (15-21) avuga ibi: 15Uz’unyambaze ku musi w’amagorwa, 16arik’umunyakibi Imana iramubaza iti wiruhiriza iki kubarira abandi amabgirizwa yanje, ugashira isezerano ryanje mu kanwa kawe. 17Kuri’Inyankaguhanurwa, ugashiburira amajambo yanje inyuma yawe, 18Iy’ubonye umusuma wemeranya nawe, kandi wifadikanya n’abasambanyi. 19Uhaye ikibi akanwa kanje, ururimi rwawe rwigenera ubugunge. 20Ugarama uvuga nabi uwo muvukana, urementaniriza mwene nyoko bgite. 21Ivyo ubikora nanje ngahora, ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose, Ariko nzoguhana, mbishire imbere y’amaso yawe, uko bikurikirana.
Ncuti, ngira wumvise! Ayo majambo y’Imana wama nkumbure uhayagiza ko usonera, si amajambo ya Kampayano. Ari wewe, yaba jewe, baba abagenzi bacu, zaba indongozi zacu, eka twese tuyagendere. Muri twebge harimwo uwusenga atayagendera amenye ko nya masengesho aca amera nk’Inkinamico canke urunana (igikino co kuri BBC Gahuzamiryango Kirundi-Kinyarwanda Service). Naho ndaguhaye iyi mpanuro simpejeje nzosubira kuyiguha, ariko sinorangiza ntaguhaye ya mpanuro Musenyeri Ntahoturi yashikiriza Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amusaba ko atomera nk’abandi bahindura ibwirizwa nshingiro kugira ngo bigumize ku butegetsi. Urakoze, umwaka mwiza!
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|