Burundi Transparence, c'est l'actualité en continue.
Accueil                     Précedente                     Suivante                 Lettres de l'Hon P. Kampayano

 

 

 Lettres de l'Hon P. Kampayano

La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (ikete N°60)
 Le 22 décembre 09



Ikete N°60
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr

Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,

Ndakuramukije amahoro nongera ndakwipfuriza imyiteguro myiza y’iminsi mikuru ya Noel n’umwaka mushasha wa 2010. Niwaba utari bwatangure imyiteguru ncuti ndakwibukije hari mu kugera. Nipfuza kandi ko tuba turatera ryarenga nkuko twama kandi nkaba ndagushimiye kubona utarambirya gusoma ikete ryanje igihe cose naho ibirimwo vyakuguye neza canke nabi.

Uvyakira neza. Hari aho ukuri bishisha umuntu ntikumunezereze, nico gituma nandikiye umuntu ibintu bikamurwa nabi ndavyakira uko kuko abaganira hari aho batera inkuru zitwenza, hari aho batera inkuru zivyabaye bibababaza canke binezereza. Hari naho babwirana ukuri kumabi uyu canke uriya agirira abandi canke bagiranira hagati yabo, hari naho kandi kuba ari uguhanurana.

Ncuti, mfasha duhanurane twese, ndakwandikiye kugira utohoze, uhanuze wongere uhanure. Nanje ufise ico umpanura nikwo kzuko ucishe aho nyene kuri agaketekanje@yahoo.fr kuwoba akoresha E-mail. Ehe raba, Umushingamatega Nkurunziza Gerard yafatiwe mu kirundo haraheze umwanya urenga, awamufashe yamubariye ngo ni ibiro bikuru vy’igipolisi bimurondera. Amaterefone yaracanyacanyeko hagati y’uwamufashe n’ivyo biro bica biramenyekana ko ari uwitwa Gervais Ndirakobuca, icegera, yatumye uwumufata nawe ngo yatumwe n’ubutungane bamucisha kuri Parquet Général. Umushikirizamanza wa parike nkuru ahinyura ko yatawe murudubi munyuma ariko amaze gushira mungiro itegeko ryo kumuterera mu munyororo wo ku Mpimba ari naco gituma we n’urwego akoreramwo biyonjoroye, dosiye isubizwa mu kirundo, nawe parike yaho imuburaniriza muri Sentare y’intara ya Kirundo yasasiye I Ngozi igenekerezo rya 16 Munyonyo ica ibona ko itamufiseko ububasha. Ncuti none bizogenda gute ? Vyanse ko arekurwa, vyanse ko asubizwa iyo yari apfungiwe ku Mpimba kuko ubu urazi ko apfungiwe i Ngozi ! Parake ya Kirundo yategetswe kumuburanisha ntiyunguruje, Umushingwamanza wiweyari yitwariye parike nkuru muri sentare nkuru ayisaba ko itomujuragiza kuko ka Mushingamateka iyo niyo yari ukumuburanisha vyabaye urudubi kuko yirabiye hiryaTohoza Ncuti kuko jewe nanditse ukuri ari abaca basimbira kw’isunzu ngo ntibikwiye ko nandika canke mvuga ugasanga n’imvo zabo ntizifashe.Wibuke wa Muvugizi w’iperereza Ncuti yanje Bigirimana telesifore yigeze kubabara ngo hari intwazangabo ziriko zirubaka igihugu zavuzwe none raba ubu amazina yazo ari mubinyamakuru bitari bike ku bindi bintu zakoze canke zibesherwa ko zakoze nk’ibijanye n’urupfu rwa Manirumva. Jeho data ndavyumva uko. Ariko jewe nari nabavuze kubijanye n’amarementanya ajanye n’ukuburanya n’abashingamateka El Hadj Hussein Radjabu, Pasteur Mpawenayo hamwe n’uwo nyene Gerard Nkurunziza.

Umaze gutohoza Ncuti uce uhanura Umupfasoni Ntakaburimvo Ancile arongoye Sentare Nkuru yanke ko bamukoresha nabi kuko biramicapfuza nanje bikambabaza kuko ari Umupfasoni nkanje. Ariko usanze ari mukuri uti komera kumuheto uheze uhanure jewe. Igikenewe ni uko Nkurunziza Gerard arekurwa kuko amanyanga ari mw’ipfungwa ryiwe n’umwana w’imyaka ibiri arayabona. Nayo kz’ipfungwa rya Bigirimana Jean na Ribakare Baudouin batazira Ndindi twarifashe ku munwa aho bimenyekaniye ko bunguruje co kimwe n’abandi baburanirizwa hamwe na Hussein Radjabu kandi mukubafata Sentare Nkuru yabeshe ko batunguruje, mukubihana n’umuvugizi wayo akaba yarabishikirije bamaze kumuhindurira akazi ! Mungu wanje, sindaguteshe umwanya ncuti. Wibuke gusa ya mpanuro Musenyeri Ntahoturi yashikiriza Nkurunziza mukumusaba kutamera nk’abandi bahindura ibwirizwa nshingiro kugira ngo bigumize ku butegetsi. Murakoze.

                                          Hon. KAMPAYANO PASCALINE