Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°59)
Le 18 décembre 09

Ikete N°59
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,
Uraho urakomeye ? Uyu munsi ndagushikiriza indamutso y’Umushingamateka El-Hadj Hussein Radjabu. Si ukubera gusa ibijanye n’ubutungane ahubwo cane cane ku bijanye n’imigenderanire hagati y’Urwanda n’Ubufaransa yasubiye kuba myiza nivyo vyatumye akuramutsa yongera akwibutsa insaku zari zavuzwe. Ncuti, hinge ndakwibaririre kuko wewe urazi iyo ari biturutse ku marementanya yatanguye kuva aho arahiriye kuja nyabahururu abo basangiye urugamba ntarinze kuvuga amazina bipfurije ko politike ya CNDD-FDD ihinduka bigatuma haba ivavanura canke ugufata inzira zibiri zitandukanye ku wa 7 Ruhuhuma 2007. Uribuka ko mu mwaka w’2006 Radjabu hussein yashikirije aho ahagaze, ka mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, ku bijanye n’imigenderanire y’Urwanda n’Ubufaransa yari ihejeje guhagarara. Yaramenyesheje ko Urwanda n’Ubufaransa ari ibihugu bigenzi vy’Uburundi kandi ko Umugambwe CNDD-FDD ubabajwe n’icuka kibi cadutse hagati yavyo ; ati ibibazo vyavuzwe n’urya mushingamanza vyari bisanzwe biharirwa ko n’ivyo bihugu bikaba bitari bwashire ukuri ahabona. Ibiganiro nivyo vyategerezwa kubandanya kandi ko rurya rwandiko ruzanye icuka kibi bitari bikenewe. None ndakubaze ? Ko bagarutse hahandi nyene mu biganiro kandi ya migenderanire isubira kuba myiza ! Kuri ivyo naho ntoshikira abakuru b’ibihugu vy’ Urwanda n’Ubufaransa « Sarkozy na Kagame », wewe ubashikira urababwira uti El-Hadj Hussein Radjabu arabakeje. Nawe murundi mwene wacu wari warataye akarimi ngo Radjabu yashikirije ijambo riteranya Uburundi n’Ubufaransa urabona ko wari wihenze. Wibuke ko ibiganiro ariwo muti w’intambamyi zose.
Murundi mwene wacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi, urabona ko Bigirimana Jean na Ribakare Beaudouin bafashwe ! Mbariza Ntakaburimvo atwara Sentare Ntahinyuzwa uti hahindutse iki ? Umuvugizi nawe ngo ntibunguruje kandi urubanza rubandanya ! Ivyo ni ibindi biharuro kuko imisi yose mu gutangura urubanza bahamagara ngo « urubanza rwa Radjabu n’abo bari kumwe ». Ahubwo nyabuna urubanza ni rutangure ukuri kwamye ! Nivyo twaramenye ko hari haheze indwi zibiri ingingo yafashwe yo kubafata ariko uti nawe ba ucishamwo uhanure wisunze amategeko wize. Ubutungane si ubwo gutuza gusa abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ni naco gituma ba kaboko barendegera kubera ukwitwaza kuba bakorera umugambwe uri ku butegetsi. Urazi ncuti ko abidegemvya bamwe baraciriwe imanza ari benshi abandi nabo bakaba banafise ivyagiriji bigaragara muri Sentare igwanya ibiturire. Ntakaburimvo Ancila uti ni ukuri mu butungane ibara ryaraguye, uti tabara abo banyagihugu bose bambitswe izera na sentare bakaguma bapfunzwe barekurwe; umenga ubwo butumwa buhawe na Ndaye Elysé, Umushingamanza Mukuru wa Republika, vyofasha eka n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu arakwiye kudacika inkokora mu kuvugira izo nzirakarengane kuko ni akamaramaza. Hari n’abamaze umwaka urenga bapfunzwe kandi barambitswe izera ! Ivyo ni ibiki ? Twobiha izihe nsiguro ? Aha nico kimwe n’Umushingamateka Gérard Nkurunziza yafashwe n’icegera c’uwurongoye igipolisi, Gervais ndirakobuca batazira « Ndakugarika »,haraheze umwaka, ngo abigize kwizina rya paraki nkuru ariko mu nyuma yo nyene ikamwihakana. Ubu yashizwe mu minwe ya Sentare y’intara ya Kirundo, nayo nyene ikaba yarihakanye kumucira urubanza. Ubu rero uwo Mushingamateka apfungiwe i Ngozi hisunzwe amategeko atari mu mateka y’Uburundi. Ncuti, ni ibara !Reka sindakwicishe amajambo, nah’ubutaha.
Urakoze.
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|