Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°57)
Le 25 novembre 09

Ikete N°57
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,
N’amahoro? Mu muryango iwawe? Jewe ndajwe ishinga n’uko mu Burundi bwose harangwa umutekano kandi abajejwe kuwucungera bose cane cane abarongoye abandi bakagira ingendo zotuma tubizigira. Sivyo? N’ukuri birateye isoni n’agahinda kubona tuguma mu myidogo y’ubwicanyi buguma buba. Twiture bande? Inyishu yobaye ukwitura ubutungane, inzego z’umutekano, inzego zijejwe intwaro. Hamwe hamwe ndazi ko bikorwa mwana wa mama, ahandi naho abanyagihugu bakabona ko ata kamaro; uti kuki? Umuntu aricwa umu buramatari akinamura ngo hishwe igisuma. Ivyop vyarabaye mu ntara ya Makamba. Aho amatohoza yokorwa gute? Abajejwe umutekano n’ubutungane mu ntara bokora iki mu gihe ijisho ry’Umukuru w’igihugu riba ryamaze kwerekana aho rihagaze? Aho bisigura ko umutegetsi nk’uwo atohengeshanya kwica; n’ukuri amajambo ya Buramatari wa Makamba yitwa Ntahiraja Terensiyo kurupfu rwa NDUBARAYE Samson yagandaguriwe muri komine Nyanza-Lac , zone Muyange aramwambura ijunja ry’indongozi nayo akaba yarayavugiye ku cibutso citiriwe igandagurwa ry’incungu ya demokarasi Ndadaye Melchior kuwa 21/10/2009. Ncuti yanje, ndakwandikiye ndakwibukiriza iryo gandagurwa kugira uronse akanya uzoze urahanura baba ba Musitanteri ba Buramatari n’abandi babakurira mu butegetsi bitwararike cane ubuzima bwabo barongoye kuko burya amaraso ni nk’amazi aseseka ntibayore. N’ukuyabungabunga rero.
Ibi vy’uyu munyagihugu yagandaguwe uwo mu Buramatari agashinyagurira abiwe ndakigarutseko kuko umu Buramatari mugenziwe Nduwimana Sennel wo mu Kayanza ubu havurwa uruhara rwiwe mu gushengeza umushaha w’umunyagihugu wo muri iyo ntara ‘Nsabiriho Salvator’ , nivyo sivyo? Havurwa ko yamwahuriyeko abapolisi biwe bamuha amahiri acika indembe ku buryo ibitaro vya ‘Prince Régent Charles’ vy’I Bujumbura vyagerageje kumuvura birananirwa aruhukira kwitaba Imana. Ncuti, mbega urazi ko mubirori vy’ikimuri c’amahoro vyabereye mu Kayanza abamubonye bifashe ku munwa? Tuzi ko ari ikimuri c’amahoro kandi gifise insiguro ariko urambabarira ubu havurwa urupfu rwa Salvator Nsaberiho, uwo mu Buramatari mbonye afise ico kimuri nca mbona ko ari igishirira. Umukuru w’Igihugu akwiye kwigiza kure y’ikimuri nkico abategetsi bene abo. Ntucike inkokora ibi tuzobivamwo abarundi si ibijuju eka n’abari mu nzego barabona ababatobera. Ndazi kandi ko ukurikiranira hafi nkanje amatohoza ariko aragirwa kubijanye n’urupfu rwa Ernest Manirumva. Numva ngo ubu hari umugwi ugira gatatu w’ayo matohoza kandi ngo urabona akarusho? Turindire. Ariko menya ko vyinshi bizwi, ko habaye n’amatohoza y’abanyamahanga bob ata terabwoba bagirirwa canke ibiharuro vya politike bashiramwo.
Murundi mwene wacu nawe Munyamahanga ukunda uburundi, uyu munsi nashimye ko tuvugana ibijanye n’iyubahirizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu gusa, ndazi ko washaka ko ndakubwira ibijanye na rwa ruhombo rw’imiriyaridi zishika 37 zegetswe canke ziri ku gatwe k’Umushikiranganji Samuel Ndayiragije ajejwe amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka. Birya nguma nkurikirana ku maradiyo nongera mbaza abashingamateka tuvugana bo mu mirwi yose. Ntaco ndabivugako ubu ariko umenye gusa ko abashingamateka ndababwira ko ukwigarisha gusa kuri dosiye ya Samueli Ndayiragije ati ivyo biha iteka iyo nama nshingamateka izwi ko yahonyanze demokarasi. Noneho yaraye abogojwe naho bari babanje kwiteza utunyoni.
Urakoze, ariko wibuke ya mpanuro ya Musenyeri Ntahoturi yaha Umukuru w’igihugu cacu igihe yarahira amusaba kutazogerageza guhindura amategeko nk’abandi ngo yigumize ku butegetsi.
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|