Burundi Transparence, c'est l'actualité en continue.
Accueil                     Précedente                     Suivante                 Lettres de l'Hon P. Kampayano

 

 

 Lettres de l'Hon P. Kampayano

La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°56)
 Le 18 novembre 09



Ikete N°56
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr

Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,

Reka ngume ndagukoma ishwashwa, birakenewe kuko uretse indamutso ndaguha bituma kandi utirengagiza ivyubaka uburundi haba kubijanye n’mubano hagati y’abarundi , iterambere n’intwaro ibereye muri rusangi. Ntibica bituma nawe ugira ico uterereye ?

Ncuti ! Ibibazo vy’amahoro birakomeye kandi vyose bihagaze ku butungane ukazombona nguma ndirimba amahoro hanyuma mu ngendo yanje nkaguma ndenganya abandi n’ukuri urampanura bizonshimisha. Nanje ninabona uririmba amahoro mugihe urenganya abandi, ubarementaniriza, nkaguhanura unyihanganire kandi uvyishimire nzoba ndabitumwe n’umutima w’urukundo ku gihugu cacu. Murundi mwene wacu, ndaguhanuye ukampanura hanyuma twese tugahanura abandi kugira twese ntuhagire uwugirira abandi ico atipfuza ko bamugirira, ntubona ko twumvise impanuro hokorwa ivyiza vyinshi ?

Mwana wa mama ! Ntufate minenerwe ibi ndakwandikiye, n’ukuri abana b’Uburundi baratuntuye baravye ingene abandi bavuka gihugu bapfungwa ataco bazira, imanza ntizicibwe ku bihe canke hagacirwa iza ngondagonde, amarementanya agahabwa amenya agaciro, ibi nkaba narabisomye no mu rwandiko Ihuriro ry’Amanama nshingamateka y’isi yose (Union Interparlementaire) riherutse gusohora inyuma y’inama yaryo iheruka. Siyo yonyene, abarundi baba hanze y’igihugu baherutse kugira imyiyerekano imbere y’inyubakwa y’ibiro bihagarariye ibihugu vya buraya (Union Européenne) ntabindi bashikiriza atari ivyo. Si ivyo gusa kuko n’amashirahamwe atagira aho yegamiye mu vya politike (Société Civile) mu Burundi imyidogo ni yose, abayagize bobo akabonge kakaba kari mu kubica cane cane mu kubona hari abicwa ntihatangwe umuco bakanaburabuzwa niyo bashatse gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi.

Ncuti, wariboneye canke warumvise amajambo y’Umukuru w’igihugu afise ca kimuri c’amahoro « Flambeau de la Paix » yari meza rwose, eka yaraguruye n’inuma. Yavuga amahoro, Ubutungane, Ukurekuriranira n’ibindi kandi ko ivyo bitegerezwa kugaragara kugira amatore agende neza. Ivyo ntaco nobivugako ubu ariko wewe nyene gusoma aka gakete nakwandikiye nashaka kukwibutsa ko hari abashingamateka bitorewe n’abanyagihugu bapfungiwe ubusa . Niwaba utabizi urarondera urwandiko ruherutse gusohorwa n’ihuriro ry’amanama nshingamateka y’isi bariko ; niwarusoma uzokwibonera amanyanga ari mu manza zabo. Niyaba umukuru w’igihugu akurikirana izo manza, nimba amarementanya arimwo hari abayamubwiye ntavyo nzi ! Ariko ivyari vyo vyose arazi ingene abacamanza bashira igipfungu mu manza kuko yaravyibaririye abanditsi n’abamenyesha makuru.

Rero Ncuti, ico wewe nanje twosaba Umukuru w’i gihugu n’uko ka kizigenza mu bucamanza mu gihugu yogira ibishoboka ibipfungu bikava mu manza ; wewe nanje n’abandi baba abarundi canke abanyamahanga twofata ingingo zapfunditswe n’Ihuriro ry’amanama nshingamateka y’isi yose zijanye n’akarenganyo kagiriwe abashingamateka El-Hadj Hussein Radjabu, Mpawenayo Pasteur na Nkurunziza Gérard tutibagiye n’amarementanya yagiriwe Minyurano Théophile tukazigira izacu tukanazikorerako, n’Umukuru w’igihugu akazikorerako hokira vyinshi kandi na kirya kimuri c’amahoro benshi bogiha agaciro. Urakoze tuzoba dusubira, ariko wibuke ya mpanuro Musenyeri Ntahoturi yaha Umukuru w’igihugu cacu igihe yarahira amusaba kutazogerageza guhindura amategeko nk’abandi ngo yigumize ku butegetsi.Urakoze.                                           Hon. KAMPAYANO PASCALINE