Burundi Transparence, c'est l'actualité en continue.
Accueil                     Précedente                     Suivante                 Lettres de l'Hon P. Kampayano

 

 

 Lettres de l'Hon P. Kampayano

La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°55)
 Le 11 novembre 09



Ikete N°55
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr

Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,

Reka ndagushikirize indamutso ivuye ku mutima nkuko nama ndabikora. Warakurikiranye ihimbazwa ry’imisi yo kwibuka igandagurwa ry’incungu zo kwikukira kw’Uburundi na demokarasi mu gihugu cose ? Jewe nararikurikiranye ariko nokumenyesha ko henshi mu gihugu iyo misi bayihimbaje ubona ko ari ukwikurayo, ahandi naho babishiramwo agafyinyi, ugasanga abategetsi bamwe bamwe barongoye intara n’amakomine ntibanavyitavye. Akamaramaza kabaye mu Ntara ya Makamba aho havugwa ko imbonerakure Kabura Cyriaque yubahutse kwankira imigambwe UPD-Zigamibanga na MSD gushira ingori z’amashurwe ku vyibutso vya Rwagasore na Ndadaye, kuko ni nawe yahagarikiye ibikorwa vy’uwo musi. Ntubona ko ari ukudatahura Demokarasi bivanze no kugaya ubutegetsi vyitwa ko akorera ? Ahenshi imbonerakure zama zishaka kwiha ububasha kurusha ba Buramatari na ba Musitanteri ukamengo n’amategeko ntaco agisigura.

Ncuti, urazi ko umusi wo kwibuka igandagurwa ry’incungu nya Demokarasi Ndadaye melchior hari haherutse kugandagurwa umunyagihugu Ndaburaye Samson wo muri zone Muyange ? Hakugira itohoza kuri iryo gandagurwa, abatari bake bavuga ko ryagizwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bamuziza ko yanse kuva mu mugambwe UPD-Zigamibanga, Buramatari w’Intara ya Makamba, Ntahiraja Terensiyo, yarinamuye wo kwibuka igandagurwa rya Ndadaye ngo uwo muntu yagandaguwe kubera ko ari igisuma. Urumva iryo bara ga ncuti! Yokaba igisuma aca agandagurwa ! Canke yoshikirizwa ubutungane ! Nk’ubu hoba uruhusha rwo kugandagura abikekwako ubusuma uzi neza ubwabaye muri iyo Ntara ya Makamba bukaba bwishimikije ishirahamwe IDC vyogenda gute ? Abagirizwa kunyuruza itunga rya Leta bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD uwo Buramatari yokwubahuka gusaba ko bagandagurwa ? No gusaba ko bakurikiranwa n’ubutungane ntavyo yokora.

Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi, haherutse kuba imyiyerekano y’abarundi baba i Buraya ku mvo zitandukanye ikaba yabereye imbere y’inyubakwa ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya rikoreramwo. Waravyumvise ? Jewe narayumvise kandi haranavuzwe impanuro nyinshi zahawe amakungu n’ubutegetsi buhari ubu mu Burundi. Naho atariyo nari ndi, mu Barundi n’abanyamahanga bariyo hari abambariye ingene vyagenze. Nasanze ivyavuzwe ari ivyama vyashikirijwe n’abarundi benshi, amashirahamwe yubahiriza agateka ka zina muntu n’ayarwanya ibiturire n’inyuruzwa ry’itunga rya leta. Umukuru w’igihugu nawe nyene yarabivuze ko ikintu, naho yavuze ngo ni abarundi cumi na batanu canke mirongo ibiri gusa bakoreshejwe n’abanyepolitike. Abamuha amakuru baharuye nabi, ariko naho ingorane zoshikirizwa n’umuntu umwe ni ukuzumviriza kuko uwo muntu umwe arashobora kuvuga avugira benshi, uwo umwe ashobora kutaba n’umurundi wanashaka. Ni ukuri ncuti, ntucike inkokora, uraguma uhanura kugira ngo ubutungane bwisubireko, n’agatima ko gushira imbere ibijanye n’intwaro ibereye karange abategetsi bacu ; ari navyo bisabwa kugira ngo zirya mfashanyo wumva zama ziriko ziremerwa ziboneke. Urakoze tuzoba dusubira, ariko wibuke ya mpanuro Musenyeri Ntahoturi yaha Umukuru w’igihugu cacu igihe yarahira amusaba kutazogerageza guhindura amategeko nk’abandi ngo yigumize ku butegetsi.Urakoze.                                           Hon. KAMPAYANO PASCALINE