Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°54)
Le 04 novembre 09

Ikete N°54
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,
Uraho ? Jewe ndaho. Mbega uyu wa 21/10/09 wibutsa abarundi igandagurwa ry’incungu ya demokarasi wawuhimbaje gute ? Jewe niriwe munzu niyumvira amajambo yama ariko arashikirizwa abarundi, nongera nihweza ibiriko biraba mu burundi nibuka ingene abo twari dusangiye umugambwe nawe twaturubitswe bamwe bakicwa inyuma yigandagurwa ryiwe abandi tugahunga. Ndafise impanurondaguha ncuti kugira uyimpere abari kubutegetsi niwaba ubashikira, ndakubwira ivyo nabonye kandi nzi kuko mu 1993 NARI Umushingamateka natowe i Ngozi mu mugambwe Sahwanya Frodebu.
Ncunti, urabwira abo batwara yuko ukwankiriza Demokarasi ntateka bariko baraha iyo Ncungu ya Demokarasi ; ugushira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa yiwe bazi neza ko hari abapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo n’amarementanya ko ari nk’ibikino. Mwana wa mama ! Ndadaye yaragandaguwe, abo bari basangiye umugambwe baraturubikwa ariko ababikora ntaco vyabunguye atari ukwambara iceyi kandi ntivyabujije abarundi kuguma baharanira kugaruka mu nzira ya Demokarasi. Twibuke ko uwo mukunzi wa Demokarasi y’abarundi yari yaburiye abavuka gihugu ko agiye kwicwa ariko demokarasi itazokwicwa. Yabivuze muri aya majambo : "MUZOKWICA NDADAYE NTIMUZOKWICA BA NDADAYE". Birya vyabaye ndabigereranya n’aka kabi kabishe ko gupfunga ata mpamvu El Hadj Hussein Radjabu na bagenzi we Mpawenayo Pasteur na Nkurunziza Gerard wanashaka hakaba n’ivyagaragaye vyari bigamije Kugandagura El Hadj Hussein Radjabu. Turetse ivyo muguturubika abasangiiye canke abikekwa gusangira gusangira ivyiyumviro na El Hadj Hussein Radjabu navyo nyene bisa nabirya vyabaye muri 1993.
Ncuti, n’ukuri abatari bake mu bategetsi b’ubu umengo muri 1993 siho bari bari kuko nta cirwa bahakuye, womengo n’ibiganiro vy’amahoro vy’i Arusha ntavyo bumviseeka ndetse nivyo guhagarika intambara wogira ngo ntavyo baroyemwo. Ntawushobora gutuza ivyiyumviro ivyiyumviro vy’umuntu agendera ibanga nk’uko atawutuza abafise ico basangiye cubaka ngo abahonye canke abazimanganye. Emwe ! Ingo tubandanye twereka Petero Nkurunziza ko gupfungura abanyepolitike ko bishobora kumwambika umutamana bigatera n’iteka incungu z’Uburundi Rwagasore Louis na Ndadaye Melchior, bo bapfunzwe bakicwa bazira urwanko rwa politike. Ukwitwaza ngo kera abanyepolitike baricwa ariko ubu ngo umukorako abashingwamanza n’abajejwe agateka kazina muntu bagahagarara bireke kuba imyidogo canke ugukubita urutoke ; ahubwo umutegetsi mwiza yovyishimira akirinda amarementanya ndetse akanayarwanya. Ncuti, urazi ko abanyagihugu bo mubwoko bwose bicanye muri 1993 basukiye mucogeje abishe Ndadaye ? Eh, nivyo ! kuko nabo nivyo bashaka, twizere ko ako kabi katazosubira.
Ncuti, sinorondogora, hingene ndakureke ariko urambariza Umukuru wa OLUCOME Rufyiri uti nankana Hilaire Ndayizamba niwe yishe icegera cawe Manirumva Ernest? Ko mubavurwa mu bwongoshwa atavugwa ! Emwe nibaza ko atarico kimupfunze nawe ntu ! Nziko yavurwa muri ya dosiye y’ibiharage gusa naho nyene hofashwe n’abatanze isoko mu manyanga. Ninasanga uri intumwa nziza igamburuka nzokubwira ibindi umumbwirira canke umumbariza. Uribuka ko Umukuru w’i gihugu cacu igihe yashikirizwa amabanga yo kurongora igihugu Musenyeri Ntahoturi yamuhanuye kutagira nk’abandi bama bipfuza guhindagura amategeko kugira bigumize kubutegetsi, irya mpanuro nawe uyitanze si bibi. Urakoze.
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|