Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Lettre N°53)
Le 31 octobre 09

Ikete N°53
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,
Uraho? Jewe ndaho kandi narahimbaje umusi mukuru wo kwibuka imyaka 48iheze incungu y’Uburundi, Umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe. Aho naho hakaba hari ku wa 13 Gitugutu 1961, nkaba nawuhimbaje nibuka abo bose bagandaguwe bazira urwanko rwa politike, amarementanya n’ibindi eka ndetse n’abakiburaburwa canke bagapfungwa bazira imvo nk’izo nyene. Ngira nawe waragize ico wiyumvira kuko urabona mu gihugu indwara y’amacakubiri n’ubukunzi bw’inda uretse gutuma demokarasi igoyagoya mu Burundi iranatuma haba igandagurwa n’ipfungwa ry’inzirakarengane.
Kuri ivyo ncuti, nkundira ndakwitumire ku Mukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, kanatsinda uwanka kugambararirwa atuma umukuze. Uti nyabuna gira nka Rwagasore mu kwemanga kurwanya imihimbiri naho yoba mu mugambwe wawe canke uwiyitirira, wanashaka umurundi wese usanga yidegemvya muri ibi bihe kandi azwi ko yakoze ibara haba mu kwica canke kunyuruza itunga rya Leta. Nkumbure ko ari kubera Umukuru w’igihugu atagendera aho ariho hose ko arico gituma atamenya inkuru zose; canke vyongeye usanga zitamushikira kuko abajejwe kuzimuha babakingira ikibaba.
Gerageza mwana wa mama nawe ukunda Uburundi urabe ingene ubwo butumwa bwomushikira kuko hariho abazwi ko banyuruje itunga rya Leta, mbere usanga na dosiye zaramaze gushika muri paraki irwanya ibiturire, abandi nabo ugasanga bafise ibiganza biriko amaraso, ariko bakirirwa barihaya ngo ntawobakorako umugambwe CNDD-FDD ukiri ku butegetsi. Ncuti, ndakwibutse ko muri Komine Nyanza-Lac, ahitwa ku Muyange, haherutse kugandagurwa umunyagihugu yitwa Nduwayo Samsoni ngo ni uko atavuga rumwe na CNDD-FDD. N’ubwo nyene ni bwa buhimbiri abategetsi bakwiye guhagurukira ata guhengama canke gukingira ikibaba.
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi, wama ukurikirana ijambo ry’Umukuru w’igihugu aho avuga ko amatora azogenda neza cane? Ico nzi ni uko kugira ngo agende neza baba abari ku butegetsi, baba abatari ku butegetsi twese twobwirijwe kuyategura neza. Ariko ehe raba ingene itegeko rigenga amatora ryateguwe rikongera rigatorwa induru zivuga ku buryo bamwe mu baritoye bari mu mboneza z’imigambwe imwe imwe bemanga ko ridatomoye. Mbega amatora yogenda neza gute kandi habandanya kwibonekeza amarementanya, iterabwoba, ukuburabuza imigambwe no kuyicamwo imirwi, ivyo navyo bikaba bikorwa n’abari mu nzego z’umutekano? Ntubona ko imvugo ikwiye kujana n’ingiro? Abajejwe intwaro n’umutekano, eka n’ubutungane nibashire mu ngiro iyo mvugo nawe Gelase Ndabirabe n’abiwe bizigire umugwi wigenga ujejwe amatora CENI nk’abandi barundi bose kuko ni Umukuru w’igihugu akomoka mu mugambwe wiwe yawushizeho kiretse niyaba atemera ivyo Umukuru w’igihugu avuga mu kutwizeza. Ncuti, mbariza aho Umukuru w’Inama Nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma agejeje mu gukemura ikibazo c’abashingamateka 22 badasasa muri iyo nama kandi babifitiye uburenganzira. Umumenyeshe kandi ko ahatagira iteka hatagira n’itekane. Uti ivyo ntivyavuzwe na Pascaline Kampayano, we yasubiyemwo ivyavuzwe n’incungu yo kwikukira kw’Uburundi, Umuganwa Rudoviko Rwagasore, nibaza ko nawe iyo Imana imuha kuramba atari kugerageza guhindura amategeko ngo yigumize ku butegetsi, ari nayo mpanuro Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahawe na Musenyeri Ntahoturi igihe ashikirizwa amabanga yo kurongora igihugu. Urakoze.
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|