Lettres de l'Hon P. Kampayano
La lettre de l’Hon. Pascaline KAMPAYANO à ses frères et sœurs burundais. (Ikete N°52)
Le 24 octobre 09

Ikete N°52
E-mail: iketeryanje@yahoo.fr
Murundi mwenewacu, nawe munyamahanga ukunda abarundi,
Uraho ga ncuti? Amakuru yahoo uherereye? Ndibaza ko ukurikiranira hafi akajagari ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD buriko buratera mu mugambwe FNL! Ntubona ko bibandanya bitesha agaciro uwo mugambwe kubera ukwigira sindabibazwa ku bijanye no kwubahiriza demokarasi witwa ko ariyo uharanira turavye izina ryawo! Ndakubwire! Iyo nyifato yo gusambura FNL benshi barayigaye, n’uwuserukira igihugu ca Tanzania Ambassadeur Mdolwa yarayigaye, ngira ngo waramwumvise ku maradiyo. Ico kibazo have sindakirandireko ndazi ko wumvise ibitari bike ku ma radiyo no mubo muyaga, ariko ico womenya ni uko kuva ku wa 7 Ruhuhuma 2007 umugambwe CNDD-FDD umaze kujamwo akajagari kawuhongoye amenyo waciye utekerwa n’ubwoba bw’iyindi migambwe yaba iyariko iravuka canke ihasanzwe. Ibuka ingene umugambwe ADR wemerewe bigoranye, wibuke kandi ingene umukuru w’umugambwe MSD yabanje gutotezwa, aranapfungwa ataco azira, imbere y’uko wemererwa. Aho mbere wanashaka ni ukwibuka cane cane ko n’Umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe muri ico gihe Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu bwashatse kumusukira mu cogeje mu kwimba mu mizi umukuru wawo, butako burarahira kuwemerera iyo hatagira abasemerera. Si ivyo gusa, uwo mugambwe MSD wararementanirijwe, co kimwe n’umugambwe UPD-Zigamibanga ngo ufise abarwanyi mu kibira ca Musigati. Ico kinyoma caciye gishirwa ahabona n’igisirikare c’Uburundi FDN naho Buramatari w’Intara ya Bubanza yari yagerageje kubigira ukuri kwiwe. Hari n’ibindi vyagiye biragirirwa imigambwe hamwe n’ayandi mashirahamwe; bibandanije demokarasi mu Burundi izozimangana rwose kuko ubu nticumbagira gusa irarwaye. Kuyigarukana naho bizogorana. Hanura rero mwana wa mama, pfa kuruta nkanje ntaco, kumbure hari icovamwo kirabura demokarasi.
Murundi mwene wacu nawe munyamahanga ukunda Aburundi, Umushingamateka El-Hadj Hussein Radjabu arakuramutsa yongera akumenyesha ko yaronse ubutumwa buvuye kwa jenerali majoro Dorufu Nshimirimana buvuga ngo adasubiye mu mugambwe CNDD-FDD ngo bazomumena umutwe, ngo niko bigenda mu bindi bihugu. Iyo baba bokwibonaniye amaso muyandi yomwihereye inyishu, ariko ntazi ko vyoshoboka, we yavyipfuza. Ko bidashoboka, uti ingendo y’uwundi iravuna, kandi imvugo nk’izo ziratesha icubahiro kuko iyo ujejwe ivy’umutekano uhagararira bose kandi kirazira kwisuka mu vya polotiki y’umugambwe uyu canke uriya mu kuwugira uw’abakunzi canke w’abansi. Emwe! Uko niko Umushingamateka El-Hadj Hussein Radjabu yomwishuye, ivyo yokwongera ko babonanye ntavyo nzi ariko ku bwanje ndazi ko nawe yohakura impanuro, maze amarementanya agahagarara. Ikindi nzi na Ntakaburimvo Ancile, Umukuru wa Sentare ntahinyuzwa arazi ko Umushingamateka El-Hadj Hussein Radjabu afitaniye urubanza n’Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu kandi akarugira ka mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Kuri ivyo, jenerali majoro Dorufu Nshimirimana inkuru nomuha ni uko atarava muri uwo mugambwe ariko akaba we n’abandi banywanyi benshi b’uwo mugambwe batemeye ikoraniro ryo ku wa 7 Ruhuhuma 2007 kuva mw’itunganywa ryaryo gushika kuvyarivuyemwo vyose.
Ncuti, uravye amategeko uwo mugambwe ntushobora kugira abawurongoye bemewe n’amategeko gushika urwo rubanza rucitse, ari naco gituma Sentare Ntahinyuzwa ikwiye kurukura mu nzira. Jeho ntumbaze uwo mugambwe narawuvuyemwo baca bavuga ngo haciye hinjira ijana; urumva ko nawungukiye, ari naco gituma nibaza ko bonshimira! Ndibaza kandi ko ntazobizira, kanatsinda umugambwe si uruhafu umuntu ajamwo ntasohoke. Ncuti, uretse ibikorwa n’ubutegetsi bijanye no kuburagiza imigambwe n’abanyepolitike, ukwiye gutangira ko impanuro, ntiwibagire kwibutsa abari ku butegetsi ka kajambo Musenyeri Ntahoturi yahanura Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umusi arahira, amusaba kudahindagura amategeko nk’abandi bama babigira kugira ngo bigumize ku butegetsi. Urakoze.
Hon. KAMPAYANO PASCALINE
|
|
|