Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 

Itangazo ry’Umukenguzamateka INAKANYANA Générose ryo gutanga imihoho mu Mugambwe CNDD-FDD

Kuri uno musi uri hejuru, ku wa 12 Ruheshi 2007,

Nihweje ukugene ninjiye muri uyo Mugambwe mu gihe nari nsanzwe nikorera utwanje, ariko ubu nkaba ndiko ndatotezwa muri ako kazi kanje,

Nihweje indyane zadutse muri uyo mugambwe bigatuma abanywanyi batagicana uwaka,

Nihweje ingingo ya 8 y’ Amategeko Ntunganyamugambwe, ivuga iti:

« Intumbero nyamukuru z’Umugambwe “CNDD-FDD” ni izi zikurikira :

1. Kunywanisha Abarundi;

2. Kurwanya ihonyabwoko, ukwizizira itunganywa ry’ivyerekeye igihugu, ugukumira, amacakubiri hamwe n’ugushikira ubutegetsi biciye ku gikenye ;

3. Guharanira no gutsimbataza agateka ka zina muntu, intwaro ishingiye ku mategeko no ku butungane kuri bose, guharanira no kwubahiriza demokarasi nyakuri ishingiye ku migambwe myinshi, guhimiriza Leta kwubahiriza imbibe z’igihugu, ukwikukira n’ubwigenge bw’igihugu, ukwishira n’ukwizana kw’umwe umwe wese no kuri bose, hamwe no kwihaniza amacakubiri ahagaze ku bwoko, intara, amamuko, igitsina, amadini, hamwe n’ugukoresha igikenye mu buryo ubwo aribwo bwose;

4. Gusangira ubutunzi bw’Igihugu ataburyarya ;

5. Kurondera iterambere ry’Igihugu rikomoka ku Banyagihugu rikongera rikabagarukako;

6. Kwubahiriza Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi, Ibwirizwa Nshingiro, Amategeko y’Igihugu, umutekano w’Igihugu n’imico kama. »

Kubera izo ntumbero zitacubahirizwa n’uwo Mugambwe bivanye n’ izo ndyane, ndatanze imihoho mu Mugambwe CNDD-FDD.

Nsavye uwo wese kunyubahiriza mu mirimo yanje ya misi yose mazemwo igihe kitari gito.

Ndangije nshimira abanyagihugu bantoye nongera ndabamenyesha ko ntazigera ndohoka mu kubaserukira, cane cane mu guhagararira ko amategeko yokwubahirizwa.

Umukenguzamateka INAKANYANA Générose
 

 

 

horizontal bar
 

Burundi Transparence © 2007