Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 

Nta bwoko bwamenje kandi nta ntara yamenje; abariye uburundi n’ abarundi ni bampemukendamuke       Le 04 novembre 07


Mpemukendamuke ntarangwa n’ubwoko, ntarangwa n’intara ; arangwa n’umutima muke, ubuntu buke no kudakunda igihugu.

Ibiriko biraba muri iki gihe vyagaragaje abo bose bafise umutima uhuha badashobora gushingira intahe ukuri. Vyatweretse bamwe batihangana imbere y’ifaranga barirabukwa ukamengo bafashwe n’igisigo.

Nyakwubahwa Umushingamateka El Hadj Hussein Radjabu ntiyahengeshanya guhanura akibutsa abagumyabanga akarangamutima  bokwisunga kugira ngo ntibatirimuke munyoshambi.

Yama avuga ati : « Nta bwoko bwamenje ». Mwese nivyo mwibonera, ntiyihenze. Amabi atwugarije ntashingiye kubwoko, yaturutse kubatware batagira intumbero nziza ya politike y’igihugu kandi bakaba batagira ikinya co gukoreshwa n’abansi ba demokarasi mugihe babarabiye ico batamira.

Kubw’amaronko, abo bagira politike iraba  inda igaherera munda barahemukiye abarundi baragurisha intsinzi yavuye mu matora. Iyo ntsinzi bayikavye kuduza amagorofa, kunywa injabukamazi n’imigeto y’inyama, Umushingamateka El Hadj Hussein Radjabu yagira ngo aramira nabo bakanana ; ninaco bamujijije ngo ababuza kwirira.

Iyo ndongozi ibereye Uburundi ntiyasiba gusemerera ati : « Nta Ntara yamenje ». Aho hambere aho abaturuka muyandi ma porovensi bama baturitsa urutoke ngo Bururi irabariye. None ubu ho havurwa iki ? Ubwanwa bwarapfutse umunwa. Uwurongoye igihugu yoba ari umunyabururi ? Abariko barasahura itunga ry’igihugu boba ari abanyabururi gusa ?

Menya rero ko bwabundi abariye uburundi n’abarundi niba nsumirinda, ba mpemukendamuke, ba Mpa utu, ba Muhe utu. Ntaco bapfana n’ubwoko, ntaco basa n’intara ; nyabuna bagipfana n’abanigira mu menshi demokarasi, basa na ba Bajenero ba Nkurunziza.

Burundi Transparence

horizontal bar

 

Burundi Transparence © 2007