| Burundi Transparence | ||
![]() |
||
Site Menu:
|
EL HADJ HUSSEIN RADJABU KU BITARO
Le 24 oct.-07
Inyuma y'amezi atandatu ihaciye ari mw'ibohero rikuru rya
Twibuke ko igihe hafungwa uwahora arongoye uBurundi Domitien NDAYIZEYE
n'icegera ciwe Alphonse Marie KADEGE, bemerewe gusuzumisha amagara yabo
mukiringo c'indw'imwe gusa bafunzwe. Ikintu kitigeze gikorwa kumushingamateka
El Hadj Hussein Radjabu, yagumye yimwa agateka kiwe ko kwivuza.Naho
yabisavye umwanya muremure abicishije kumushingwamanza wiwe. Ariko Leta yagumye
yima amatwi. Amakuru ava mubamwegereye, atumenyesha ko azosubira kwisuzumisha vuba,ariko nahonyene ntibizwi ko Leta izongera kumuha ako gateka kiwe.Ivyo bikaba vyashitse mugihe abarundi n'amakungu, n'amashirahamwe y'agateka kazina muntu, abanyamadini, n'amashirahamwe yigenga, atahengeshanya gusemerera ngo ahabwe uburenganzira bwo kwivuza.
Mugabo Leta ikaba itigeze ibimworoherezamwo.
Umwanditsi wacu we yishikiye aho kwivuriro rya INSP mu Buyenzi,
atumenyesha ko abantu isinzi bari bakikuje iryo vuriro, eka n'abashingamateka n'abakenguzamateka,
nabo nyene ntibatanzwe, bari bahishikiye kuza kumushigikira. Nkuko vyama iminsi yose igipolisi c'uburundi, cari casidukanye niyonka kuza kuburaguza abamushigikiye ko bomwibonera. Uziko haciye n'igihe kirekire batamukubita n'ijisho. Aho igipolisi kikaba gifise igikorwa co kubaburabuza no kubakubita gusa.
Burundi Transparence
|
|
|
Burundi Transparence © 2007 |
||