Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 

BIKE MUVYARANZE UMUHARI CNDD-FDD NA KIZIGENZA WAWO EL HADJ HUSSEIN RADJABU       Le 29 sept.-07

El Hadj Hussein RADJABU n’abandi

El Hadj Hussein Radjabu urugamba rugitangura yari Komiseri Mukuru ajejwe
politike na propaganda. Ico gikorwa yakiranguranye umwete n’ubwira. Komiseri
Hussein Radjabu niwe yatunganya ibikorwa vya gisirikare n’ivyapolitike
kurubuga rw’intambara agashikiriza raporo Uwumukurira Léonard Nyangoma
yatwara igisata ca politike, akaba yari arongoye Urugamba muri rusangi.
Leonard Nyangoma n’abandi banyepolitike b’uwo muhari baba hanze y’i gihugu.
Hussein Radjabu yari ameze nk’ikiraro gihuza Abasirikare bari kurugamba
n’abakuru ba politike baba hanze.

Yarashoboye guhimiriza abakiri bato ngo bafate inzira y’urugamba. Komiseri
Hussein Radjabu yarakoze birashimwa ; uri abasirikare bato, uri abakuru aha
twovuga nka Col Jean Bosco Ndayikengurukiye, Col Mbawa, Major Ngurube
n’abandi, bose barashima’umwete n’umutima w’urukundo yarangurana ibikorwa
yari ashinzwe. Urugamba ruratera imbere, aho hari mu mwaka 1994-1995.

Ntibitevye Leonard Nyangoma, ari we yatwara igisata ca politike, arwa
mumutego w’umwansi, kubera umwina w’itunga atangura kunigira mumenshi
urugamba, abasirikari barabura ibikoresho, abatari bake barahahonera abandi
barafatwa ndetse benshi barahunga, vyunyurwa n’uko Igihugu ca Zaïre cinjiye
muntambara.
Kubera yuko Hussein Radjabu yamye ari iruhande yabanyagihugu ntiyashobora
kwemera yuko urugamba ruhagarara. Niho yafata inzira aja kuraba Leonard
Nyangoma kugira ngo amuhanure bashobore gusubiza ibintu mu buryo ariko rero
ntiyamwemerera.

Kubera yuko urugamba rutari gusubira inyuma, Komiseri Hussein Radjabu yaciye
asaba ko komite gisirikare y’urugamba yokorana kugira ngo hafatwe ingingo zo
gukingira abanyagihugu. Imaze gukorana, hafatwa ingingo yo guhagarika
Leonard Nyangoma kukibanza c’umukuru w’umuhari asubirirwa na Col Jean Bosco Ndayikengurukiye, Hussein Radjabu bamushinga kuba umunyamabanga mukuru, igisata ca politike n’igisirikare bija hamwe Umuhari uca ucika CNDD-FDD.

Urugamba rurasubira gukomera. Abari bataye urugamba baragaruka, abakoze
amakosa barababarirwa, muri ico gihe nyene imibonano ihuza leta n’abarwanyi
iratangura muri Gabon.

Muri ico gihe nyene Umwansi yaguma arondera ukugene yonigira mumenshi uwo
muhari abicishije mubakuru bamwe bamwe bawurongoye.
Ntihaciye kabiri, Col Ndayikengurukiye, kubera ubukunzi bw’inda n’ubutegetsi
arwa muvyara vy’umwansi yari yamuteze amafaranga, aca atangura gutera
amacakubiri mu muhari kugira ngo agumane ubutegetsi, abo bitavuga rumwe
arababogoza hari mwo n’umunyamabanga wiwe mukuru HusseinRadjabu na Petero Nkurunziza; mugisirikari Col Adolphe Nshimirimana ; Col Evariste
Ndayishimiye, Col Silas Ntigurirwa barabogozwa mumabanga bari bashinzwe
barahindurwa mu buzi bwabo.

Abandi batari bake baricwa. Ako kabi yagafashijwe n’abandi aha twovuga nka
Wagara Melchior, Hatungimana Leonidas, Mbundagu Vestine, commandat Laurent alias JOGO , col Prime Ngowenubusa n’abandi.

Ngo ntawurwana n’abanyagihugu ; niho abatari bake basaba Hussein Radjabu ngo akore uko ashoboye kwose asubize ibintu mu buryo ndetse baranamusaba ko yoca ababera indongozi. Kubera atariyo yari intumbero yiwe, yaciye asaba ko iryo banga borishinga Petero Nkurunziza yari asanzwe ari icegera ciwe
mubunyamabanga bukuru nawe akaguma ari Umunyamabanga mukuru. Ico cipfuzo ciwe bagiteyibvyatsi ; arabasigurira kiremerwa naho vyagoranye kuko ari
Hussein Radjabu nyenebabonamwo uburongozi bubereye.

Bafadikanije bompi, umuhari urasubira gukomera gushika hemerwe amasezero
y’amahoro bigoranye cane iyo Hussein Radjabu atahabera umugabo kuko abo
vyaganira babona ko ari we intambamyi kandi ko ari we umugabo w’imena
CNDD-FDD ahanini ihagazeko.

Ntibitevye Umuhari CNDD-FDD ucika Umugambwe watumye Nkurunziza ashikira ikibanza c’umukuru w’i gihugu. Muri ico gihe El Hadj Hussein Radjabu yari yatowe ngo abe Umukuru w’Umugambwe. Aho hose abansi ba CNDD-FDD ntibagoheka, baguma barondera ukugene bosambura uyo mugambwe kandi inzira yashoboka yari iyo guteranya uymukuru w’i gihugu n’umukuru w’umugambwe.

Kukutagira intumbero ya politike bivanze n’uguhahamira amatungo, Nkurunziza n’akarwi k’abasirikare nabo akaba ari Nshimirimana Adolphe, Ndayishimiye Evariste na Bunyoni Guillaume, bishimikije ibibanza bari mwo muri leta, bafata ingingo yogukura kunguvu Umukuru w’umugambwe El Hadj Hussein Radjabu ata mvo basiguriye abanyagihugu bo bamye ari abanyamugambwe ; icagaragaye n’uko El Hadj Hussein Radjabu yamye abereka ko atabashigikiye munyifato bari bafise yo gukorera nabi Uburundi n’abarundi bahenzwe n’abo bahora bahanganye murubuga rw’intambara imbere y’amasezerano y’amahoro kuko ari we babona nk’imizi y’umugambwe CNDD-FDD bipfuje kuzimanganya kuva kera.

Mumajambo make yahowe Kuvuga ukuri yamye aharanira. Nkurunziza akaba rero yashimye kwiyegereza abari baragurishije urugamba kandi ata rukundo bigeze kandi batazokwigera bamugirira ahubwo intumbero yabo ari ukumwihora, aha twovuga Umuvugizi wiwe Hatungimana Leonidas, umuyobozi mwishikira mubiro kwa prezida Wagara Melchior na Ndarubagiye Léonce akaba ari umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD wa Jérémie Ngendakumana akaba ari gushika ubu umunywanyi wa Leonard Nyangoma.

Ikigaragara ni uko naho yatotejwe n’abomukingiye, bakagerageza no
kumugandagura, ubu akaba amaze amezi atanu ari mw’ibohero, El Hadj Hussein Radjabu niwe munye politike biboneka ko abarundi benshi bashigikiye kandi ashobora kubahuza.

Ibihe turimwo bikaba bitwibutsa igihe c’intwaro ya Jean Bosco
Ndayikengurukiye aho hibonekeje imirwi myinshi mubasirikare aha twovuga
nk’INTAVOGERWA za Col Prime Ngowenubusa, COBRA za Col Silas Ntigurirwa, EKENGE za Col Adolphe Nshimirimana, abanye politike nabo bakitwa INOMERO 140.

Ivyo vyose Uwabahuje ni El Hadj Hussein Radjabu; Ubu ho, ninde
azotorera umuti ibibazo bihanze umugambwe CNDD-FDD ?

Mu minsi iri imbere aya makuru ya kahise arabandanya.

 

 

horizontal bar

 

Burundi Transparence © 2007