Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 

AYO MAKUBA TURIMWO YATURUTSE KUKI ?     Le 18 janv. 08

Mu misi iheze, uruganda rwanyu rwaratohoje rubashirira ahabona ibituma bitandukanye bizingamitse amahoro y’Abarundi.

Umuzo w’intwaro zishingiye kuri DEMOKARASI waguye nabi bamwe bahawe n’intwaro z’igikenye. Muribuka ko mu 1993 FRODEBU ariyo yari yatahukanye
intsinzi mu matora; Abarundi benshi bakavuza impundu.Ariko rero uyo munezero wamaze akanya ide! Ntivyatevye umukuru w’igihugu yari yitorewe n’Abarundi
Ndadaye M. aba aragandaguwe bunyamaswa we n’abafasha biwe.Abacitse ku rucumu, bamwe barahunga abasigaye nabo bagacurwa bufuni nabuhoro.

Inama Nshingamateka n’aho yari yikwije mu gitigiri c’abashingamateka baturuka mu mugambwe Frodebu wari watsinze amatora,ntivyayoroheye namba.Uturwi tw’ inkozi z’ikibi(sans échec, sans défaite, sans pitié) twarahungabanije
umutekano,ibikorwa vyose birahagarara.Utwo turwi twari twashizweho  na babandi bahawe na za ntwaro z’igikenye kuva mu 1966,bakaba batihanganiye nagato kubona intwaro yabo yijura kubera umuzo w’intwaro ishingiye kuri demokarasi mu 1993.Urupfu rwa prezida  Ntaryamira  rwaje rusongera isibe.Ni muri  iyo ntureka Nibantunganya yagenywe ngo abe prezida;hari mu kwa 7,
mu1995.

 

Prezida Ntibantunganya yatwaye mu gihe c’amaruru; abashingamateka bahigwa buhongo,abicwa bakicwa. Ubwo bwicanyi bwari bwateguwe na babandi nyene kugirango bahahamure imitima y’abarundi vyongeye iyo ntwaro
ibagamire; maze bayisenyure ata muntu ahigima, bose bamirwe n’ ubwoba. Muribuka ingene Ngendakumana Leonce yashengezwa n’ubutungane ari umushingamateka akagirizwa ihonyabwoko kandi bamubeshera bashaka gusa
ko ata akomoka. Muribuka ko prezida Ntibantunganya yakorewe amabi yose gushika aho bamutera amazira ntoke mu ntara ya Gitega muri komine Bugendana!!!

Impera n’imperuka mwarabonye ico vyavyaye. Prezida Ntibantunganya yarirukanywe ku butegetsi asubirirwa na Prezida Buyoya ariwe yari ku mutwe wa twa turwi twakora amahano.Kandi amaze kuhashika yaciye atubuza gusubira gukora, mu gihugu ngo cwe!


Wa mugani wo mu Kirundi ngo:”Ingoma yagukanze irahuruza ugahunga.” Ivyo  turiko turabona ubu ntaho bitandukaniye n’ivy’ico gihe; icahindutse n’imikenyuro bakoresheje kugira ngo bashike kuco bipfuza.Ubu bakoresha abari mu nzego;ariko ibimenyetso biracari vyabindi nyene:

_Imiriro:

 Ibuka imivyaro y’ibiti yaturiwe mu ntara ya “Rutana”  hagatigitira amamiliyoni y’amahera y’Uburundi kandi vyongeye murazi ko ivyo biti ari ivyotewe kugira ngo bikingire isi,bizane imvura,turwanye ubugararwa n’inzara.

_Abicwa bazira ngo n’abarozi:

Hadutse ivyo kwica abanyagihugu babaziza ngo n’abarozi.Menya ko iyo nyifato isomozwa na babandi nyene bashako abanyagihugu boba mu ruhagarara.Benshi rero  kuko baba batazi ibiriko birategurwa bapfayo gukwirikira nk’intama. Tuboneyeho gusaba abarundi ko bokwikubita agashi bakareka gusukira  umwansi mu cogeje.

- Gufata nabi indongozi:

Twaraberetse ivyabaye inyuma y’igandagurwa ry’umuhisi Ndadaye, n’ubu nivyo bikibandanya. Raba ingene bateguye bitonze ikinyoma girtyoza umushingamateka El Hadj Hussein Radjabu kuko ariwe munyepolitike yashobora kubihanga. Baratohoje baramenya neza ko uyo mushingamateka ariwe yari inkingi ikomeye murugamba rwo kugarukana demokarasi mu Burundi. Abanyepolitike bo mu mugambwe Cndd-Fdd bapfunze uyo mushingamateka yera bamugurishije amaronko batiyumviriye ico umuguzi agamije. Ubukunzi bw’inda butagira urugero nibwo busutse igihugu mu manga.
Abo bemeye guhemuka barihaye ibara, baratukishije abarwanye urwo rugamba, barahumiye abarundi bose bari bizeye kugarukirwa n’intwaro ya demokarasi.

Raba ingene bashengeza umushingamateka Mpawenayo ataco bamuziza kuko atemeye Ivyavuye i Ngozi muri rya koraniro nkorabara ryabaye kuwa 7/02/2007. Irabire namwe ingene umushikiranganji Jean Bigirimana ajanwa imbere y’intahe kandi twese tuzi ko uyo mushikiranganji yigenjeje neza mumabanga yiwe. Ico azira n’uko yanse guhemuka, yarahakanye ivyiryo koraniro nkorabara. Eka mbere umengo ntitworyita “ikoraniro” ahubwo ryokwitwa “Isamburiro”.
Umugabo yitwa Beaudouin RIBAKARE yama yarengutse nawe imbere y’ubutungane azira ko ari umuyoboke wa Hussein Radjabu.

-Gutoteza abanyagihugu:

Mwarumvise abanyagihugu bapfunzwe bazira yuko banse kubeshera Umushingamateka Hussein Radjabu; abo nabo ni Kagabo Evariste, Birori Nestor,  Jean Marie, Hassan, Amissi.
Abo bose twabadondoreye n’abagabo bakwiye kubera akarorero abandi kuko biyemeje gushinga intahe y’ukuri.

Ibiza bisongera isibe n’ubwicanyi buba mugihugu hose. Ivyo vyose bigamije guca inkokora abanyagihugu kugira ngo babone ko ataho bavuye kandi ataho bagiye.
Twomenyesha abo bose bafashe urugendo rwo kuja I Ngozi kuwa 7/02/2007 ko bakurikiye buhumyi batazi ico bari bukore. Baroye gushira mungiro imigambi batateguye none nimurabe aho bigeze u Burundi n’abarundi.

Impanuro twotanga:
-Rondera kumenya kahise k’igihugu cawe kugira ngo umenye ingene utegekanya kazoza kawe.
-Mwirinde kugendera ku migambi y’umwasi
- Uwitonze amira ibinoze
- Ihutihuti yavyaye ibihumye
- Usaba Imana ufyuye amaso ikaguha ibiyamena
- Nimba myambaza Imana vyukuri nimusenge muronke ubushobozi bwo kumenya ahari imitego y’umwansi w’amahoro.

Burundi Transparence

 

horizontal bar

 

Burundi Transparence © 2007