AmakuruAMATATI HAGATI YA NKURUNZIZA NA RADJABU. 22 Rusama 08 Vyanditswe na « The Leadership Institute » muri “Burundi News” itariki 16/05/2008 bihindurwa mukirundi n’uruganda rwanyu « Burundiinfos ».
Benshi baribaza ivyashikiye uyo muhari warwanye ugahinduka umugambwe cndd-fdd ukaba ushitse aho umwansi ashaka (ugeze mucobo) inyuma y’imyaka itatu ufashe ubutegetsi. Kugira ngo mubitahure uruganda rwanyu Bururndi News rwaratohoje ido n’ido none rwafashe umwanzuro wo kubibasigurira.
Biragaragara ko uyo muhari warwanye wari wakomejwe na kizigenza Hussein Radjabu. Kugira ngo muvyumve neza, nimwibuke ingene bose bamwubaha, bakamushimagiza mubarundi no mumakungu kubera ico yamaze murugamba rwo kugarukana amahoro nogutsimbataza demokarasi. Na Nkurunziza wenyene ubwiwe yama amuhayagiza (Amutera amashurwe), nikuki bose babihurirako ?
Muncamake Radjabu niwe yari indongozi nyamukurur mukurondera uburyo bukoreshwa kurugamba, akaba ariwe nawe yashinga imigambi ya cndd-fdd.
Yaratunganije uyo muhari, awuha izina mugihugu no mumakungu barawemera.
Niwe yari ajejwe ibibazo vya politike, ibijanye no kwiyunguruza nivyo vyose vyerekeye imigenderanire n’amakungu (Diplômatie). Naho muri uyo muhari haari ibitari bike vyerekana ubube gito, abarwanyi bose baramwubaha.
Ariko rero turemeza ko bamwe mundongozi zuyo muhari tutibagiye Nkururnziza bamye bafise inyifato idasanzwe igaragaza ingene bahahamukira amatungo n’ivyicaro muntwaro muntumbero yo kwishira hejuru gusa batiyumviriye ibibazo vyo gutunganya igihugu nokurangura imigambi yotuma ubrundi bwogorora.
Igihe uyo muhari wahinduka umugambwe hahindutse vyinshi. Radjabu yaciye ategura igikorwa kijanye n’amatora bitako uyo mugambwe cndd-fdd aba ariwo utahukana intsinzi. Kuva ico kiringo niho ingorane zatangura kwibonekeza kuri babandi bahahamiye ivyicaro muntwaro.
Intsinzi itanguye kumota, Nkurunziza ntiyihanganye yaciye asohora ivyara nk’ingwe, ngo acakire vyose, abambira kwitoza kuntebe y’umukuru w’igihugu vyongere kandi ashishikare kurongora umugambwe. Ivyo rero vyari biteguye kubiri n’amasezerano yari yapfundikiwe burundu mw’ikoraniro kaminuza ryabereye i Gitega kw’igenekerezo rya 8/08/2004. Impari zaradutse hagati yabo bagabo babiri ariko Radjabu aranesha Nkurunziza. Vyabaye ngombwa ko Nkurunziza yubahiriza amasezerano, araheza aremera ko Radjabu yitoza akarongora umugambwe. Iyo yabaye intambara yambere Nkurunziza yatanguje mu mugambwe maze ntiyamwerera, aratsindwa.
Radjabu aba kizigenza w’umutima yitwararitse gutsimbataza imigambi n’imigabo umugambwe wari wiyemeje kugira ngo uburundi bwogorore.
Iyo mpanuka yabacanishijemwo akanya ide yasize agatimatare muri Nkurunziza, aca ahera ngaho atangura gutegura umugambi ugayitse wo gurtyoza Radjabu akoresheje amaradiyo. Muri izo mvururu, Radjabu yaragerageje uko ashobora guhagararira nokuvugira uyo mugambwe muntumbero yogushigikira intumbero yo gukingira ubutegetsi yari yaravunikiye kugira ngo bujeho.
Hariho inkuru zadushikiye zivugako ikoraniro kaminuza ry’umugambwe cndd-fdd ryari rigamije kubogoza Radjabu ryateguwe mukwezi kwa 8 mu 2006, rirasiba ryunguruzwa itariki 24 zu kwa 12 muri uwo mwaka. Witegereje neza, umugambi wa Nkurunziza wo kwikurako Radjabu wari umaze gutegurwa. Itohoza ryakozwe ryagaragaje ko Nkurunziza ataarota asubira guhwanira na Radjabu mw’ikoraniro Kaminuza kuko bari bafise ibibazo bihushanye.
Amaze kubona ko amaradiyo aherekanije mugurtyoza Radjabu, Nkurunziza yaciye aswa bwose, wa mugambi wiwe wokurongora cndd-fdd wari ukunze ; yihutira kugena urwego mpanuzwajambo akaba ariwe ari kwisonga. Bamwe bibajije ko ivya Radjabu biheze, ariko rero ivyakurikiye vyaragaragaje ko Nkurunziza yihejeje mugutema ishami yari yicayeko. Ibintu vyose bica birayangara :
- Leta igatakaza igitigiri c’abashingamateka bayishigikiye, - Itotezwa ry’abatavuga rumwe na leta riraduka, - Mubanyagihugu bayoboka cndd-fdd benshi baratoranye kugumana akaranga mutima basangiye na Radjabu.
Nkurunziza vyamusizemwo igikomere mu mutima, inzigo irarya maze abibonye gurtyo aca ategura iyindi migambi ibishe :
- Kwica Radjabu akoresheje ishano - Kumwomora agahera inyuma y’uburundi, - Kumupfunga
Uyo mugambi wa nyuma niwo bahise mwo. Baramufata, bamujana mwibohero rya Mpimba kuva kw’igenekerezo rya 27/04/2007.
Kuva Radjabu apfunzwe, mugihugu harangwa akajagari, ubutegetsi burajegajega, umugambwe nawo ugeze habi. Twihweje neza, kuva bagize rya Koraniro kaminuza ry’i Ngozi Kw’igenekerezo rya 7/02/2007, haciye harwa ibara mugihugu :
- Kutumvikana munzego zigize leta, - Icizere abanyagihugu bari bafise muri cndd-fdd kiragabanuka mbere gitera kizimangana, - Inama nshingamateka na Nkenguzamateka bisa n’ivyahagaze, - Hagaruka intwari y’igikenye muri leta ndetse no mumugambwe kiriganza. - Ubutunzi bw’i gihugu bwasubiye inyuma, ubukene n’inzara vyugariza abarundi, - Ibikorwa vyo gutsimbataza demokarasi vyateye bisubira inyuma nk’ibirenge.
Mumvugo itomoye, intwaro ya cndd-fdd yatakaye. Uyo mugambwe utabagurika uko bukeye uko bwije. Kuruhande rwiwe Radjabu akomeje kumenyekana neza mu banyagihugu, mugipolisi no mugisoda eka no muncabwenge. Inyofato yiwe muri izi ngorane yarerekanye ko ari we ndongozi ibikwiye, intwari mu rugamba.
Ivyibonekeza ni uko Radjabu apfunzwe kubera ishari ry’abanyepolitike bari kurushi, Nkurunziza akaba ari imbere. Kubera ico biboneka ko cndd-fdd ihereye habi mukwitegurura amatora yo mu 2010. Imigambwe itavuga rumwe na leta yoyo ivuza impundu kandi ishishikara kwironkera inyungu zivuye kumakosa ya Nkurunziza.
Nkurunziza yatoranije gufatauyo mugambwe wari ukomeye (cndd-fdd) awuhindura agakoresho kiwe, none ubu usigaye ugendera kuco imigambwe batavuga rumwe ishatse kandi babanje kubinginga bakabemerera ivyo basavye.
Ahanini uyo mugambwe usigaranye abanywanyi baherutse gushingwa amabanga ya leta nabo bakaba batagira akarangamutima ka cndd-fdd. Ico bakora birinda gutakaza ivyicaro vyabo kuko agashomeri kubu kararyana.
Nkurunziza asigaye atwaza igikenye mu mugambwe no muri leta, agatoteza uyo wese yubahutse kuvuga ibitagenda neza. Iyo ngendo rero ishobora gutuma ataco azonoba mumatora yo mu 2010.
Birateye agahinda iyo wiyumviriye abagumyabanga bitanze murugamba ryo kugarukana amahoro no gutsimbataza demokarasi !
Birababaje kubona abasubijwe mubuzima busanzwe bariko barakoreshwa muvyo batazi !
Ni ibisigabwenge kwumva ingene indongozi z’umugambwe cndd-fdd bubahuka guhaya ko bakomeye mugihe umugambwe uriko uratabagurika nk’impuzu ishaje !
N’akamaramaza guhwana n’umujenerari yigira igihangange mugihugu vyose vyashaye, intwaro ikajegajega, umutekano ukaba wahungabanye mu ntara zose !
Burundi Transparence 
|