Burundi Transparence
main image
shadow shadow

 

Nyakwubahwa Umukuru w’igihugu c’Uburundi yoba akunda inkino canke yiyamamaza mu nkino ?     Le 24 novembre 07

Ntawuyobewe uruhara rw’inkino mwiterambere ry’igihugu. Aho amaso ageza, twese turazi ko mu bihugu bitari bike vy’Afrika inkino zinjiza amahera atari make biciye mu mpusha z’abakinyi zogushobora kuja mu mahanga «transfert », haba muri ba mukera rugendo usanga baca bagendera cane igihugu, eka unaravye ko abo bakinyi bamaze gushika hanze ivyo binjiza mu bihugu vyabo mu buryo bw’amafaranga ; ntawuyobewe ko ubu inkino zabaye nk’inganda  zongereza ubuzi n’iterambere.

Uwibuka intambwe uburundi bwari bugezeko mu myaka ya 80 na 90, asanga biteye isoni kubona Uburundi budashobora gushika mu nkino zanyuma z’Afrika, yamara ugasanga ibihugu bitatwegera muri iyo myaka, arivyo bimaze gutera imbere. Urwaruka rwinshi muri ivyo bihugu rumaze kuja mu mahanga rumerewe neza, ariko abana b’abarundi bama bariko baranezereza abarorerezi baherera gutahira amafanta ya Brarudi, iyo badahawe amazi ya Tanganyika, muhura basabiriza ngo barabe ico batunga kandi batari babuze ico batunga mugihe hoba
itunganywa nyaryo ry’inkino.

Aho Reta nshasha iziye, abakinyi bariruhukije ko hari umwigisha w’inkino akaba yarana kinye umupira ashoboye kuba Umutegetsi Mukuru w’Igihugu. Ego nivyo, inkino sizo zoja imbere y’iterambere ryose ry’Igihugu, twese turazi ko ubutunzi butifashe neza, hari ibisata vyinshi bikeneye kunagurwa ari navyo bikeneye gutwara uburyo bwinshi. Yamara uravye umwanya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu amara ari kubibuga vy’inkino, ntawokwemeza ko ibisata bitari bike mw’iterambere ry’Igihugu bigeramiwe aronka umwanya wo kuvyitaho.

Kukaba nkako, uwoharura umwanya iyo ndongozi imara mu bisata bitandukanye, inkino ziza ubwagatatu havuye umwanya wo mu biro, be no mu masengesho. Ivyo bikorerwa akenshi mu ntara hagati, uwutabizi yibaza ngo aba aroye guteza imbere ba nyarucari ariko usanga muvy’ukuri ariko akina nabo imipira canke ari mu bikorane. Birashika ko asanga bamwe ku kivi akajamwo ariko biba gake cane ugereranije nico yatorewe co guteza imbere Igihugu.

Ntawugaya ico atabonye, mubisanzwe ukugendera abanyagihugu, mugakina, mugasenga ni vyiza cane, vyerekana urukundo n’ukwiyegereza abato. Yamara
witegereje neza iyo bija na cane cane muvy’inkino, usanga izo nkino atari izo guteza imbere abakinyi. Ehe namwe, igihe cose izo nkino ziteguwe, Nyenicubahiro afata umwanya utari muto yikina amatavu yerekana utwo
azi, yirenza umupira, awucisha k’umutwe, nawe arabizi, ngo maze abeneburundi bamwihweze bamubone, urukino rutanguye, amapenaliti, amakufra,…  kubazi urukino rw’umupira w’amaguru vyose niwe abitera, maze rero ugasanga urukino rwacitse we, yabaye igitangaza ariwe marorerwa, gusumba aho yororera abandi ngo abakeze. Vyerekana neza ko inkino zitaraba urwaruka ariko zishira imbere uwukeneye kurabwa no gutamarirwa, ari naco gituma ibikorwa vyose akora mugihugu abihereza kukuja gukina imbere yabamurorera.

Uwobaza ati mbe ko tumaze imyaka ibiri arongoye igihugu agejeje he guteza imbere inkino ? yomaramara. Ivyo adashoboye gukina ntavyitaho kuko ntaheza ngo aboneke, ehe ukwinonora imitsi kwahaye igihugu agateka katagira uko kangana, muribuka mwese ba Muvuduka, Niyongabo, Nkazamyampi,… ntiyigera abazwa urwo rukino n’ingorane rufise muri kino gihe, za basket na volley
ntuzomubona, aho hose kuko atariwe bishira imbere, yamara umupira w’amaguru gusa kuko aheza akaja imbere akabonwa. Ari naho umuntu wese yibaza ati mbe izo nkino agira ni iziki ? na cane cane mu gihe bose babona ko atarizo zoja imbere kandi igihugu kigeze aho umwansi ashaka.
 

Muri kino gihe twokeza indongozi zitandukanye z’amashirahamwe y’inkino mu gihugu, kuko abenshi bitanze uravye aho ingwano yari itugejeje ; twotanga
akarorero ka FFB. Ariko gushika ubu biraboneka ko ata tunganywa nyakuri rihari, umuntu yovyita guhaba ; ari navyo twibaza ko « umwigisha » nkurya yari gutorera inyishu mukuyaga n’abajejwe inkino ibikenewe ngo dutere imbere.

Biragaragara neza –mugani wa wawundi- ko hari ikigamijwe n’izo nkino zitari buteze ibere abakinyi. Woba ari umwiyamamazo canke ? Ntawobimenya, ariko
ivyarivyo vyose uwibuka akavugwa ngo «  Nyenicubahiro akundwa n’abanyagihugu, ngo naho igihugu cotwarwa nabi, ngo vyose bikononekara, ubutunzi bukanyonorwa, abicwa bakicwa, abafungwa bagafungwa, ngo ntangorane kazima akundwa n’abanyagihugu, ngo nibo bonyene baca
urubanza  »; uca umengo abanyagihugu ni abatagira ubwenge babona umupira gusa, ababufise nabo ngirango s’abanyagihugu kuko bipfuza uwogira ico abamarira ; yamara abarundi bose n’abanyagihugu kandi bashaka iterambere, araguma avyibuka ; nayo ahandi iyo dukenera abakinyi,  Malik na bene wabo ntibobuze kwitoza kuko bawutera neza kurusha, kandi « Georges Weah » wo muri Libériat ntiyarikubura gutorwa mukibanza ca « Helen Johnson » arongoye muri kino gihe ico gihugu.

Ukuri nakwo n’uko izo nkino zigamije ukwiyamamaza, nayo amatora ataregereza.

 

Burundi Transparence


 

 

horizontal bar

 

Burundi Transparence © 2007